Kenya : Umwe mu bagize umurwi utegura amatora yatowe yapfuye

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 1er août 2017 saa 08:46
Yasomwe : 5445
0 0

Uwari ajejwe ibikorwa bijanye n’ubuhinga bwa none mu murwi utegura amatora mu gihugu ca Kenya Chris Msando yatowe yapfuye kuri uno wa mbere igenekerezo rya 31 Mukakaro 2017.

Kuva kuwa gatanu igenekerezo rya 28 Mukakaro 2017, mu muryango wa Chris Msando canke mu murwi ujejwe gutegura amatora mu gihugu ca Kenya,nta n’umwe yari azi aho ari.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko ikiziga ca Chris Msando catowe kuri uno wa mbere igenekerezo rya 31 Mukakaro 2017 mu karere ka Kikuyu ku nkengera z’igisagara ca Nairobi, kiri kumwe n’ic’umugore atamenyekanye.

Umukuru w’umurwi ujejwe gutegura amatora Chris Msando yavuze ko ata nkeka Chris Msando yishwe, ariko ko ikibazo gikomeye ari ukumenya uwamwishe n’igituma yishwe hasigaye iminsi mike ngo amatora abe.

Amatora y’umukuru w’igihugu mu gihugu ca Kenya ategekanijwe kuba kw’igenekerezo rya 8 Myandagaro 2017.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha