IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Ubuseruko > Kenya:Uwutavugarumwe na Reta yarahiye nk’umukuru w’igihugu

Kenya:Uwutavugarumwe na Reta yarahiye nk’umukuru w’igihugu

Tuesday 30 January 2018

Umukuru w’urunani rw’abatavugarumwe n’ubutegetsi mu gihugu ca Kenya,Raila Odinga yarahiye nk’umukuru w’igihugu kur’uno wa kabiri igenekerezo rya 30 Nzero 2018.

Ayo makuru nyene, amenyesha ko Raila Odinga yavuze ko abanyakenya barambiwe n’ubusuma bwibobekeza mu matora,aho kurahira kwiwe abifata nk’intambwe yo gushinga intwaro rusangi y’ukuri mu gihugu.

Ayo makuru abandanya avuga ko naho igiporisi catangaje ko kizozibira ico kibanza ntihagire abajayo,ntivyabujije ko abantu isinzi mu bamushigikiye bitaba ivyo birori vya Raila Odinga.

Zimwe mu mboneshakure zari zashatse kwerekana ivyo birori zugawe n’abajejwe umutekano aho i Nairobi.

Inyuma yaho Raila Odinga amenyesheje ko amatora yo mu kwezi kwa myandagaro 2017 yari yatsinzwe na Uhuru Kenyatta yaranzwe n’ubusuma,Sentare nkuru y’ico gihugu yafashe ingingo yuko asubirwamwo.

Raila Odinga yanse kwitaba amatora yasubiwemwo ku ncuro ya 2, yitwaje ko umurwi ujejwe gutunganya amatora wosubirwamwo ,ayo matora aca atsindwa n’umukuru w’igihugu Uhuru Kenyatta.


BIKORIMANA Vianney

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.