Home > Amakuru > Ubuseruko > Kenya:Uwutavugarumwe na Reta yarahiye nk’umukuru w’igihugu
Kenya:Uwutavugarumwe na Reta yarahiye nk’umukuru w’igihugu
Tuesday 30 January 2018
Umukuru w’urunani rw’abatavugarumwe n’ubutegetsi mu gihugu ca Kenya,Raila Odinga yarahiye nk’umukuru w’igihugu kur’uno wa kabiri igenekerezo rya 30 Nzero 2018.
Ayo makuru nyene, amenyesha ko Raila Odinga yavuze ko abanyakenya barambiwe n’ubusuma bwibobekeza mu matora,aho kurahira kwiwe abifata nk’intambwe yo gushinga intwaro rusangi y’ukuri mu gihugu.
Ayo makuru abandanya avuga ko naho igiporisi catangaje ko kizozibira ico kibanza ntihagire abajayo,ntivyabujije ko abantu isinzi mu bamushigikiye bitaba ivyo birori vya Raila Odinga.
Zimwe mu mboneshakure zari zashatse kwerekana ivyo birori zugawe n’abajejwe umutekano aho i Nairobi.
Inyuma yaho Raila Odinga amenyesheje ko amatora yo mu kwezi kwa myandagaro 2017 yari yatsinzwe na Uhuru Kenyatta yaranzwe n’ubusuma,Sentare nkuru y’ico gihugu yafashe ingingo yuko asubirwamwo.
Raila Odinga yanse kwitaba amatora yasubiwemwo ku ncuro ya 2, yitwaje ko umurwi ujejwe gutunganya amatora wosubirwamwo ,ayo matora aca atsindwa n’umukuru w’igihugu Uhuru Kenyatta.
BIKORIMANA Vianney
Forum posts
30 January 2018, 18:15, by onexy
ico Gihugu ntamategeko guise ndetse nta nigisoda gifise ? ntanigipolisi ?
30 January 2018, 21:29, by Nibaruta J Berchimans
Mbe Icogihugu Ntamategeko Akigenga Gifise ? Jembona Bomupfunga Agakatirwa Urumukwiye.Amategeko Nakore Yigihugu .Ukwo Nukugambanira Igihugu.Kuko Ntagihugu Kirahiramwo Abaprezida Babiri !
30 January 2018, 21:35, by Nsengiyumva Isidore
Afrika Niko Yabaye Izorinda Ihenuka.Bazama Bubaka Basambura.Mbe Uwateje Imbere Igihugu Azokwama Avako Nivyo Yakoze Abitobayanze.Asenyuye!! Tanzanie Nikomeze Yoyo Nisawa