IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > OLUCOME isaba Reta guhagarika kubandanya yitegurira inama igira 20 ya (...)

OLUCOME isaba Reta guhagarika kubandanya yitegurira inama igira 20 ya COMESA

mardi 29 mai 2018

Mw’itangazo inomero 008/OLUCOME/05/2018 ryo kw’igenekerezo rya 29 Rusama 2018,Gabriel RUFYIRI arongoye OLUCOME, amenyesha ko badatahura igituma Reta isubiza inyuma ibikorwa vy’iterambere mu kwizera ikintu kitabaho, ikabandanya ibikorwa vyo kwitegurira iyo nama mu gukoresha uburyo bw’igihugu mu gihe iyo nama yungururijwe mu kindi gihugu.

Muri ryo tangazo,Gabriel RUFYIRI, yibutsa ko Uburundi buri mu bihugu 3 bikenye kw’isi,uburyo buriko burakoreshwa mu gutegura imiduga,amazu y’amanama hamwe n’amahoteri yari ategekanijwe gukoreshwa muri iyo nama yungurujwe, bukaba bwokoreshejwe mu guteza imbere abanyagihugu.

JPEG - 151.4 ko
Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME

Gabriel RUFYIRI arangiza asaba Reta y’Uburundi guca mu nzira y’ibiganiro n’ubuyobozi bw’ishirahamwe COMESA, kugira habe umwumvikano bikunze iyo myiteguro isubirwemwo.

Inama igira iya 20 y’ibihugu bihurikiye mw’ishirahamwe COMESA yari itegekanijwe kubera mu Burundi mu kwezi kwa Ndamukiza mu nyuma yungururizwa mu kwezi kwa Ruheshi kubera vyahava bihurirana n’inama ya COMMONWEALTH.

Umunyamabanga mukuru wa COMESA aheruka gusohora urwandiko, amenyesha ko iyo nama itakibereye mu Burundi yungururijwe ku cicaro cayo i Lusaka mu gihugu ca Zambiya, mu kwezi kwa Mukakaro uyu mwaka wa 2018.

Reta y’Uburundi yamenyesheje ko ibandanya imyiteguro kuko itaramenyeshwa biciye mu nzira z’amategeko ko iyo nama itakibereye mu Burundi.


BIKORIMANA Vianney

Messages

  • Birakaz pe !ivvo ni vya bihugu biguma bivuga uburundi nabi cank ni ba bantu babi birigwa baravuga ngo mu burundi biracika baraza barabe mu burundi amahro ni yose ariko biragoy kubemez kuko bahembw no kuvuga nabi uburundi

  • babavuga nabi, reka kubeshya babavuga uko muri,bamureka kubeshya.

  • harabantu babesha ngo inama ya COMESA ngo ntizobera ngaha muburundi. barabesha ahubwo yarikubera ngaha ibujumbura bayimuriye MURUSAKA imwaro . ntimusubire kuvuga ibitarivyo ahubwo ni mwitegure canegonse ntibasange hacafuye reka turindire amasahereyo merc

  • COMESA ku mugaragaro yatangaje ko inama yimuriwe Lusaka, none kuki itunga ry’igihugu rigumya gusesagurwa. Murebe ku rubuga rwa COMESA. comesa.int
    Mureke tubanze abarundi dushake ibikorwa remezo bifatika, tubone gusaba kwakira ziriya nama mpuzamakungu. Hotel z’inyenyeri 5 byibuze nka zitatu, imihanda myiza, ikoranabuhanga,... naho ubundi, Burundi bwacu nta nama mpuzamakungu bazigera baduha ngo twakire.

  • COMESA ku mugaragaro yatangaje ko inama yimuriwe Lusaka, none kuki itunga ry’igihugu rigumya gusesagurwa. Murebe ku rubuga rwa COMESA. comesa.int
    Mureke tubanze abarundi dushake ibikorwa remezo bifatika, tubone gusaba kwakira ziriya nama mpuzamakungu. Hotel z’inyenyeri 5 byibuze nka zitatu, imihanda myiza, ikoranabuhanga,... naho ubundi, Burundi bwacu nta nama mpuzamakungu bazigera baduha ngo twakire.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.