IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > ishirahamwe > PARCEM isaba ko haba umugenzo wo kwerekana amatungo abategetsi (...)

PARCEM isaba ko haba umugenzo wo kwerekana amatungo abategetsi bafise

Wednesday 25 July 2018, by vianney

Mu kiganiro umukuru w’ishirahamwe PARCEM yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa gatatu igenekerezo rya 25 Mukakaro 2018, Faustin NDIKUMANA yamenyesheje ko kwerekana amatungo y’abategetsi binjiye canke bavuye mu mabanga bajejwe bidakorwa kandi bitegekanijwe n’amategeko nko mw’ibwirizwa nshingiro ,bituma igikorwa co kugwanya igiturire kinigigwa mu menshi.

Faustin NDIKUMANA avuga ko mubari bakwiye kumenyesha amatungo yabo ari nk’umukuru w’igihugu,ivyegera vyiwe,abashikiranganji,abayobozi bakuru,ababuramatari hamwe na ba musitanteri.

Uyo mukuru wa PARCEM atera akamo abajejwe intwaro gukora ibishoboka kugira abategetsi batandukanye baze baramenyesha amatungo yabo binjiye canke bavuye mu mabanga bajejwe kugira bifashe mu kugwanya igiturire.


IGIHE

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.