IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Sentare Nkuru ya EAC yanse icipfuzo c’Uburundi

Sentare Nkuru ya EAC yanse icipfuzo c’Uburundi

mercredi 7 mars 2018

Muri urwo rubanza rwabaye kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 6 Ntwarante 2018,Uburundi bwasavye ko ibikorwa vy’inama nshingamateka y’akarere ka Afrika EALA bihagarara, kandi ko amatora y’uwurongoye iyo nama nshingamateka asubirwamwo, kuko yabaye hatisunzwe amategeko.

Naho ashima ingingo ya sentare, uwuburanira Reta y’Uburundi Nestor KAYOBERA avuga ko amatora y’umukuru w’inama nshingamateka y’akarere ka Afrika y’Ubuseruko EALA, yahonyanze amategeko ku bijanye n’igitigiri c’abatora.

Nestor KAYOBERA yamenyesheje ko sentare nkuru y’akarere ka Afrika y’Ubuseruko yasiguye ko urwo rubanza rusa n’urubanza rwataye igihe, ariko basanze vyoba vyiza urubanza ruburanishijwe mu bihe vyihuta.

JPEG - 27.1 ko
Abacamanza ba Sentare Nkuru y’Akarere ka Afrika y’Ubuseruko

Sentare Nkuru y’akarere ka Afrika y’Ubuseruko, yasiguye ko ibikorwa vya EALA bitohagarikwa, kuko urubanza rwashingishijwe umunyarwanda arongoye inama nshingamateka ya EALA amaze gutorwa kandi ibikorwa vyamaze gutangura.

Ku wa 19 Ukuboza 2017 nibwo Martin Ngoga ava mu gihugu c’Urwanda yatowe kurongora inama nshingamateka y’akarere ka Afrika y’Ubuseruko EALA,kw’igenekerezo rya 19 Kigarama 2017.

Amatora yabaye abashingamateka b’Uburundi n’aba Tanzaniya atariho bari, ariko mu nyuma abashingamateka baserukira Tanzaniya bahavuye bafata ingingo yo guherekeza ibindi bihugu.

Naho sentare yavuze ko yipfuza ko urubanza ruburanishwa mu maguru masha, isango ryo kuburanisha urubanza mw’ido n’ido ntiriramenyekana.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Barateye isoni abo bashingamateka b’Uburundi. Aho manda yibwa mu Burundi, hanyuma hakaba amatora baha amajwi n’abatitoje ko batahagurutse ngo bavyamirire kure ? Bibaza y’uko ibindi bihugu bishobora gukora amafuti nk’ayo bakora i Burundi ? Barimaramaje.

  • ariko nkurumbi yibaza ko ashobora gutsinda kagame, baraguhenze ngira nonoho urabyiboneye genda uri ikimaramare we nkurumbi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.