IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Somaliland : Inama nshingamateka yemeje itegeko rihana abafata abakenyezi (...)

Somaliland : Inama nshingamateka yemeje itegeko rihana abafata abakenyezi ku nguvu

mardi 9 janvier 2018

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko iryo tegeko ribuza kandi uburyo bwari buhasanzwe bwo guhuza abantu mu muco ku vyaha bifatiye ku gitsina.

Amashirahamwe aharanira agateka k’abakenyezi, amenyesha ko yashimye iryo tegeko rimaze imisni ritegurwa.

Iryo tegeko riravuga ko imanza zo gufata abagore ku nguvu zitegerezwa guca muri sentare, kandi ko ata murongozi mu muryango afise uburenganzira bwo kuzica, hisunzwe umuco.

Bamwe mu bakurikirana hafi ibibera mu gihugu ca Somaliya, bavuga ko kubera inguvu ziri mu muco w’abanya Somaliya bato bato,bitazokworoha gushira mu ngiro iryo tegeko.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.