Somaliya: Ibura rya Interenete ryatumye igihugu gihomba imiriyoni 130 mu ndwi

Yanditswe na BIKORIMANA Vianney
Kuya 10 Mukakaro 2017 saa 05:03
Yasomwe : 3699
0 0

Umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru mu gihugu ca Somaliya Abdi Anshur Hassan yamenyesheje ko ikibazo kijanye no kubura intereneti muri ico gihugu catumye ubutunzi bw’ico gihugu bugabanuka ku rugero runini.

Abdi Anshur Hassan yavugiye kw’Iradiyo y’igihugu ko ibura rya intereneti mu gihugu bituma igihugu kihahombera imiriyoni 10 buri munsi, mu ndwi 2 ziheze ata intereneti iboneka bikavugwa ko bamaze guhomba imiriyoni 130.

Amakuru ava mu binyamakuru vyaho muri Somariya avuga ko haciye indwi 2 ata intereneti mu gihugu bivuye ku ntsinga zononekaye zica musi y’ibahari Indiyano, ariko ababijejwe bakavuga ko bariko bakora ibishoboka kugira bisubire mu buryo.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha