Sudani y’Epfo: Inama nshingamateka yanse itegeko rigena abaserukira igihugu muri EALA

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 16 Ruheshi 2017 saa 04:29
Yasomwe : 5076
0 0

Inama nshingamateka ya Sudani y’Ubumanuko yahakanye itegeko ry’umukuru w’igihugu Salva Kiir, rishiraho abashingamateka icenda baserukira ico gihugu mu nama nshingamateka y’Ishirahamwe ry’Akarere ka Afrika y’Ubuseruk EALA,kuko ritakurikije amategeko agenga Ishirahamwe ry’Akarere ka Afrika y’Ubuseruko.

Ingingo yo guhakana ko abashingamateka bagenywe n’umukuru w’igihugu Salva Kiir baserukira igihugu ca Sudani y’Ubumanuko mu nama nshingamateka y’Akarere ka Afrika y’Ubuseruko yafatiwe mu bikorwa vy’Inama Nshingamateka bidasanzwe,ikurikiye ivyashikirijwe n’umushingwamanza, Wani Santino Jada,yitwariye igihugu ciwe avuga ko kitakurikije amategeko mu kugena abagiserukira muri EALA.

Yavuze ati “Umukuru w’igihugu yashizeho abashingamateka baja mu nama nshingamteka ya EALA abicishije mw’itegeko ryiwe, kandi amategeko agenga EAC asigura neza ko bategerezwa gutorwa n’inama nshingamateka z’ibihugu vyabo. Twebwe muri Sudani y’Ubumanuko, nta kintu citwa amatora cigeze kibaho.”

Ikinyamakuru Sudan Tribute, canditse ko umukuru w’umurwi uraba ibijanye n’amategeko mu nama nshingamateka ya Sudani y’Ubumanuko Dengtiel Ayuen Kur, yamenyesheje ko bakuyeho itegeko ryashiraho abashingamateka icenda b’igihugu bagiserukira muri EALA.

Ivyabaye muri Sudani y’Ubumanuko vyatumye igikorwa co kurahiza abashingamateka ba EALA cari gitegekanijwe kw’igenekerezo rya 5 Ruheshi 2017 cigizwa inyuma.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha