IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Tanzania:Amazina y’abahuza ibitsina babisangiye ashobora gushirwa (...)

Tanzania:Amazina y’abahuza ibitsina babisangiye ashobora gushirwa ahabona

mardi 21 Ruhuhuma 2017

Icegera c’umushikiranganji w’amagara y’abantu mu gihugu ca Tanzaniya amenyesha ko ashobora gushira ahabona amazina y’abahuza ibitsina babisangiye,kugira bafatwe kuko barenze amategeko y’igihugu.

Abicishije ku buhinga bwa Twitter, Hamis Kigwarangalla yagiriza abo bahuza ibitsina babisangiye ko bakora ibinyuranye n’amategeko kandi bagurisha bakongera bakamenyekanisha ibikorwa vy’abahuza ibitsina babisangiye bakoresheje uburyo bwo gutumatumanako amakuru.

Mu gihe hari uwagirije Hamis Kigwarangalla ko afise intumbero yo kwaka abantu uburenganzira bwabo, Hamis Kigwarangalla yavuze ko abahuza ibitsina babisangiye ari nk’impararo y’abanyagisagara, kuko aho avuka ata babikora.

Amajambo ya Hamis Karwangalla akwirikiye ingingo ya Reta ya Tanzania yo kwugara amavuriro ashika 40, atanga imiti yo gupfupfahaza umugera wa SIDA, inyuma yo kuyagiriza ko ahimiriza abantu kuja muri uyu mugwi w’abahuza ibitsina babisangiye.


IGIHE

Messages

  • Bose bafatwe batabwe mugasho, kuko ntibarenze amategeko yigihugu gusa, barenze namategeko y ’Imana . mwibuke sodomu nagomora, icatumye Imana iharimbura muvya vyahakorerwa ico nicocari cambere, mwibuke ingene abagabo bisodomu uburyo barondeye abamarayika bari bashikiye kwa Roti, ngo babasambanye. Roti ababwira ati ndafise abakobwa babiri batarigera babonana icitwa umugabo, reka ndabahe mubakoreshe icomugomba barasa hejuru, bati tugomba ababagabo bonyene, wakamatwe wote kabisa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.