IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Tanzania: MSF imenyesha ko hakenewe kwubakwa iyindi kambi y’impunzi

Tanzania: MSF imenyesha ko hakenewe kwubakwa iyindi kambi y’impunzi

jeudi 2 Ntwarante 2017

Umukuru w’ishirahamwe ry’abaganga batagira imbibe Medecins Sans Frontieres MSF amenyesha ko hejuru y’ikambi zitatu zakira impunzi mu gihugu ca Tanzaniya, hakenewe kwubakwa iyindi kambi yofasha kwakira impunzi.

David Nash arongoye ishirahamwe ry’abaganga batagira imbibe MSF avuga ko ikambi za Nyarugusu, Mtendeli na Nduta zimaze kwuzura kandi umurindi w’abahunga ubandanya kwiyongera.

Umukuru w’ishirahamwe ry’abaganga batagira imbibe David Nash avuga kandi ko bagumye basaba ko hokwubakwa iyindi kambi ariko, ata kirakorwa na Reta ya Tanzaniya, bigashobora gutuma indwara ziyongera.

David Nash yavuze kandi ko ingingo ya Reta ya Tanzania y guhagarika gutanga ubuhungiro ku barundi bahungira mu gihugu ca Tanzania ishobora gutuma haba ingaruka ku mfashanyo itangwa.

Impunzi 290 000, ni ukuvuga bitatu vy’impunzi bava mu Burundi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.