IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Tanzania: Umukuru w’igihugu yirukanye umushikiranganji wo kumenyesha (...)

Tanzania: Umukuru w’igihugu yirukanye umushikiranganji wo kumenyesha amakuru

jeudi 23 Ntwarante 2017

Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya John Magufuli yakuye mu mabanga umushikiranganji wo kumenyesha amakuru Nape Nauye,kuri uno wa kane igenekerezo rya 23 Ntwarante,umwaka wa 2017.

Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru Nape Nauye yirukanywe mu mabanga, inyuma y’amatohoza yaheruka gutanguza ku mutegetsi akomeye, yagirizwa gutera ubwoba ikigo cigenga co kumenyesha amakuru gikorera i Dar es Salaam.

Mu gihe yashikiriza ko abagize Reta bahindutse ,umukuru w’igihugu Magufuli ntiyasiguye igituma Nape Nauye yahagaritswe mu mabanga.

Kuwa kabiri igenekerezo rya 21 Ntwarante,umwaka wa 2017, umurwi ukora itohoza, ushizweho na Nape Nauye, wasavye ko uwuserukira ubutegetsi mu gisagara ca Dar es Salaam Paul Makonda yofatirwa ibihano kubera ivyavugwa ko yagiye kudurumbanya mu biro vy’ikinyamakuru "Clouds Media Group" (CMG).

Amakuru asohoka avuga ko Paul Makonda yagiye guhungabanya mu biro vya "Clouds Media Group" (CMG).atanezerejwe n’ukubona imboneshakure ya CMG itacishije inkuru y’umuvugabutumwa yari yakoze amakosa kuri iyo mboneshakure.

Abanyagihugu bavuga ko batanezerejwe n’ingingo yo gukura umushikiranganji , kuko umukuru w’igihugu ca Tanzaniya Magufuli asa naho ariko arashigikira uwumuserukira mu burongozi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.