IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Tanzaniya : Reta igiye guhagarika ingurane yahora iha abanyeshuri

Tanzaniya : Reta igiye guhagarika ingurane yahora iha abanyeshuri

jeudi 3 mai 2018

John Pombe Magufuli, yavuze ko Reta ifise vyinshi vyo gutorera umuti, harimwo no kwigisha abana bo mu miryango ikenye, kugira bashobore kwigishwa ku buntu, kuva mu mashuri y’intango gushika mu yisumbuye, kandi abaronse amanota meza bagahabwa ingurane yo kwiga kaminuza n’amashuri yisumbuye.

Ikinyamakuru The Citizen co mu gihugu ca Tanzaniya, canditse ko umukuru w’igihugu yamenyesheje ko Reta yongereje ibiharuro vy’abanyeshuri baja mu mashuri yisumbuye na za kaminuza bagashika ku bihumbi 130, bose bakaba bakeneye ingurane y’imiriyaridi 427 z’amashilingi, akaba atoroshe kuboneka mu gihugu kiri mu nzira y’amajambere.

Yavuze ko Reta ifise ibibazo vyinshi mu bijanye no kwigisha abana, kandi ko bibabaje kubona ivyegeranyo vyerekana ko n’imiburiburi abanyeshuri barenga 3500 bahabwa ingurane mu gihe abandi baharurwa mu bihumbi bahejeje amashuri ariko bikaba bigoye ko bishura ingurane bahawe.

Umukuru w’igihugu John Pombe Magufuli yavuze ko abatanga imfashanyo batashimye uko ico gikorwa cakozwe baca barahagarika gutanga imfashanyo.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.