Tanzaniya : Reta yahagaritse ishorwa ry’ibifungurwa mu bindi bihugu

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 28 juin 2017 saa 04:32
Yasomwe : 7119
0 0

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Tanzaniya Kassim Majaliwa, yagabishije ko kugurisha ibifungurwa mu bindi bihugu bishobora gutuma haba umutekano muke uvuye ku bifungurwa.

Kassim Majaliwa yavuze ko uwuzofatwa atwaye ibifungurwa mu bihugu bibanyi, ivyo bifungurwa bizoca bijanwa mu mu kigega c’igihugu, imodoka na yo yakoreshejwe mu kubitwara izoca ihabwa igipolisi.

Umushikiranganji wa mbere yavuze ko Reta itazokwemera na cane cane urudandazwa rw’ifu y’ibigori, kuko iyo fu isanzwe ifasha amahinguriro yo hagati mu gihugu.

Kassim Majaliwa yavuze ko abadandaza bo mu gihugu ca Tanzaniya bategerezwa kugurira infungurwa aho biri vyinshi,bakabijana kubidandaza aho bitari.

Ivyo vyose yabishikirije,inyuma yaho hari imiduga 10 yafashwe ajanye ibifungurwa mu gihugu ca Kenya.


Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha