IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Tanzaniya : Umukuru w’igihugu aragabisha kw’iyugarwa ry’amasengero

Tanzaniya : Umukuru w’igihugu aragabisha kw’iyugarwa ry’amasengero

samedi 30 décembre 2017

Uwo muvugabutumwa azwi kw’izina rya Zachary Kakobe, yavuze ariko arasigura ijambo ry’Imana ko igihugu ca Tanzaniya kiriko kiraja buhoro buhoro mu ntwaro y’umugambwe umwe.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko,umushikiranganji ajejwe ibibazo vyo mu gihugu hagati yavuze ko isengero ry’idini iryariryo ryose rizoba ririko rirasesengura ibintu bijanye na poritike, rizoca ryakwa uruhusha rwo gukorera mu gihugu.

Abatabona ibintu kumwe na Reta ya Tanzaniya, bavuga ko hari ingendtanguye kwibonekeza yo yo kutihanganiranira, bikabonekera mu binyamakuru bitari bike vyugawe, abantu nabo bagafatwa bagirizwa gutuka umukuru w’igihugu ku mbuga zikoresha ubuhinga ngurukanabumenyi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.