IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Tanzaniya : Umukuru w’igihugu yasavye abagabo kubana n’abagore barenga (...)

Tanzaniya : Umukuru w’igihugu yasavye abagabo kubana n’abagore barenga umwe

lundi 26 février 2018

Ari mu gisagara ca Dar-Es-Salaam,John Magufili yavuze ko abigeme ari benshi muri ico gihugu kurusha abagabo, ari naco gituma abigeme batubatse bakora ubusambanyi cane n’abagabo bubatse.

Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya John Magufili yavuze ati :« Si itegeko ndabahaye, ariko kubabishoboye ndabateye intege zo kwabira abakenyezi babiri canke barenga mu ntumbero yo kugabanya igitigiri c’abigeme batubatse . »

John Pombi Magufuli yavuze ko abigeme bo mu gihugu ca Tanzaniya bafise amarira adahera bivanye n’imibereho yabo yo kubura abagabo bubakana, bakabafasha no mu buryo bwo kubaho.

Ibiharuro vyerekana ko,igihugu ca Tanzaniya gifise abanyagihugu imiriyoni 70, muri abo, imiriyoni 40 n’abakenyezi, mu gihe imiriyoni 30 ari abagabo.


Callixte Carpe NDIKUMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.