Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubumwe bwa Buraya bwatanze imiriyoni 85 z’abanyaburaya yo gufasha (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Ubumwe bwa Buraya bwatanze imiriyoni 85 z’abanyaburaya yo gufasha (...)

Ubumwe bwa Buraya bwatanze imiriyoni 85 z’abanyaburaya yo gufasha impunzi

vendredi 23 Ruheshi 2017

Imiriyoni 85 z’amafaranga y’abanyaburaya yatanzwe ku gihugu c’Ubuganda kugira gishobore gufasha impunzi nyinshi zahungiye muri ico gihugu .

Umunyabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Antoni Guterres yitavye inama yiga ku kibaz c’impunzi mu karere, yarashimye ibikorwa vyiza igihugu c’Ubuganda hamwe n’abanyagihugu baco bakorera impunzi zasavye ubuhingiro muri co gihugu .

Antoni Guterres yavuze ati : « Abaganda barakira nk’abavukanyi abanyesudani bangana umuriyoni bakabafata nka basaza babo na bashiki babo, ndetse bagasangira n’amatongo yabo n’ivyo bafise vyose. »

Igihugu c’Ubuganda cakiriye impunzi zo muri Sudani y’Epfo zishika umuriyoni 1 zihunga ingwano yatse indaro muri ico gihugu, igihugu caronse intahe yo kwikukira mu mwaka wa 2011.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.