Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Ubuganda: HRW isaba amatohoza yigenga ku gitero ku mwami w’i (...)
Ubuganda: HRW isaba amatohoza yigenga ku gitero ku mwami w’i Rwenzururu
jeudi 16 Ntwarante 2017
Inyuma y’amezi ane habaye igitero ku kirimba c’umwami wa Rwenzuru Charles Mumbere, ishirahamwe ryishinze gukingira agateka ka zina muntu Human Right Watch risaba ko haba amatohoza ataho yegamiye.
Ishirahamwe Human Right Watch rimenyesha ko igitero ku kirimba c’umwami Charles Mumbere cabaye mu kwezi kwa Munyonyo,umwaka wa 2016 mu gisagara ca Kasese cakozwe n’igipolisi c’igihugu c’Ubuganda cahitanye abantu 150.
Mu gipolisi c’Ubuganda bavuga ko Igipolisi kivuga abantu 87 aribo bapfuye kandi ko bari mu bagwanyi b’ubwami bwa Rwenzururu, bwagirizwa gutanguza umurwi w’abarwanyi barwanira mw’ishamba.
Umwami Charles Mumbere wa Rwenzururu yagirijwe na Reta y’Ubuganda ko kuba yahemukiye igihugu.
IGIHE
Messages
16 Ntwarante 2017, 17:33, par Ntakirutimana Jonatan
Bahumiwe uko, Rwabaganda ngo nibo batowe baba abahuza Buburundi! ,jewe keshi vyama vyantangaje uburyo batora aboguhuza abandi!, ahogutora umuntu afise akarorero keza mumakungu kingene arongoye igihugu ciwe, uburyo yubahiriza agateka kazina muntu, ariko bagaca bafata urya muntu yatikijinganda ngo niwe akwiye kubumuhuza wabandi! nukuri biracangoranye ngahiwacu muraka karere, nah’Imana gusa, nayubundi nzobambona kuko uwutanga atanga ivyafise, ntawutanga ivyadafise.