IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Ubuganda : Inama nshingamateka yiyamirije ingingo yo kwimurira ibiro vya (...)

Ubuganda : Inama nshingamateka yiyamirije ingingo yo kwimurira ibiro vya ONU i Nairobi

mercredi 9 mai 2018

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko, umukuru w’inama nshingamateka y’Ubuganda Rebecca Kadaga yashizeho umurwi ujejwe imigenderanire n’amakungu hamwe n’umushingamateka Theodore Ssekikubo gukurikirana ico kibazo.

Biravugwa ko umukuru w’igihugu Yoweri Museveni yamaze kurungikira urwandiko umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres, yiyamiriza iyimurwa ry’ivyo biro.

Iradiyo y’abongereza BBC, avuga ko umushingamateka Theodore Ssekikubo ariwe yasavye ko hokorwa utwigoro two gushigikira Reta kugira ibiro vya ONU biri mu gisagara ca Entebbe ntivyimurirwe i Nairobi.

Iciyumviro co kwimurira ibiro vya ONU i Nairobi, catangujwe n’umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres, kw’igenekerezo rya 1 Rusama 2018, igihe yandikira umurwi mpanuzwajambo wa ONU, asaba ko ibiro vyova i Entebbe bikajanwa i Nairobi.

Umukuru w’inama nshingamateka, Rebecca Kadaga yavuze ko ico kibazo gikwiye kubanza kwicarigwa.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.