Ubuganda : Museveni aragiriza ONU kugira uruhara mw’iterabwoba muri Kongo

Yanditswe na BUKURU Pacifique
Kuya 18 janvier 2018 saa 10:08
Yasomwe : 12663
0 0

Mwitangazo ryo kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 17 Nzero 2018, umukuru w’igihugu c’Ubuganda Yoweri Museveni yagirije ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ko ariryo rituma haguma ibikorwa vy’iterabwoba mu buseruko bwa Repuburika iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo.

Amakuru dukesha ikinyamakuru RFI, Yoweri Museveni, muri iryo tangazo yashikirije ko igisata ca ONU, gikorera mu gihigi ca Kongo arico gituma haguma ibikorwa vy’iterabwoba.

Museveni avuga ati :« Igisata ca ONU muri Kongo nico gituma iterabwoba rigumaho.Abakora iterabwoba nta nguvu bafise.Bafise ukwidegemvya guhagije, ariko ntaco bigera bashikako. »

Iryo tangazo ryasohotse inyuma y’umubonano umukuru w’igihugu Yoweli Museveni yagiranye n’umurwi wa ONU urongowe na Dimitri Titov, ariko akora amatohoza ku gitero giherutse kuba aho cahitanye abasirikare 15 ba ONU bakomoka mu gihugu ca Tanzaniya.

Ico gitero kikaba cagirijwe umugwi w’abagwanyi wa ADF.Igisirikare c’Ubuganda kikaba caciye gikora igitero kur’abo barwanyi, aho bashikirije ko abarwanyi barenga ijana bahasize ubuzima.

Ku ruhande rw’igisirikare c’Ubuganda, umuvugizi w’igisirikare avuga ko biteguriye gufasha kugira umutekano ugaruke mu buseruko bwa Kongo, mu gihe bobisabwa.

Igihugu c’Ubuganda kikaba caheruka kwagirizwa n’igisata mpuzamakungu c’ubutungane ko gihonyama ubwigenge bw’igihugu ca Kongo mu kucinjirira ku butaka.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha