Incamake

Ubuganda : Umukuru w’igihugu yemeje itegeko rikuraho imyaka y’uwitoza kuba umukuru w’igihugu

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 3 janvier 2018 saa 09:59
8505
0 0

Umukuru w’igihugu c’Ubuganda Yoweri Museveni yashize umukono kw’itegeko ryemeza ihindurwa ry’ibwirizwa Nshingiro. Iryo tegeko ntivyavuzweko rumwe, kuko rifise ingingo ikuraho imyaka isabwa kugira umuntu arekurirwekuguma.

Ingingo ivuga ku myaka umukuru w’igihugu c’Ubuganda adakwiye kuba arengeje, niyo yafatwa nk’iyizotera ikibazo umukuru w’igihugu Yoweri Museveni, mu gihe ikiringo ariko aratwara kizoba giheze.

Inama nshingamateka y’Ubuganda yemeje iryo bwirizwa nshingiro hakuwemwo ingingo ivuga ko umukuru w’igihugu c’Ubuganda aba atarenza imyaka 75 y’amavuko, ikiringo c’abashingamateka kikava ku myaka itanu, kikaja ku myaka indwi.

Iyo ngingo iyo iguma mw’ibwirizwa nshingiro, yari gutuma Yoweri Museveni afise imyaka 73 ubu adashobora kwitoza, ariko ubu agashobora ku zokwitoza, mu kiringo kigira indwi co kurongora Ubuganda.

Ikinyamakuru Dail Monitor camenyesheje ko umuhanuzi w’umukuru w’igihugu Yoweri MUSEVENI,Linda Nabusayi, yemeje ishirwako umukono ry’iryo tegeko.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha