Uganda: Umuririmvyi Bobi Wine yatorewe kuba umushingamateka

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 1er Mukakaro 2017 saa 10:40
Yasomwe : 5175
0 0

Umuririmvyi rurangiranwa Robert Kyagulanyi Ssentamu azwi kw’izina rya Bobi Wine wo mu gihugu ca Uganda, asanzwe atunganya indirimbo avuga ko zifasha kwigisha abanyagihugu yatsindiye intebe yo kuba umushingamateka.

Bivugwa ko Bobi Wine yakuriye mu karere ka Kamwokya kari hagati y’igisagara ca Kampala gasanzwe kabamwo abantu bafise ubutunzi bubayabaye, akaba yitoje kugira ashobore kuvugira abo bantu bakenye nkuko benshi bavyibaza kuko inyuma yo kuba umurirmvyi akomeye ntiyigeze yiyumvira kuvirira abantu babana.

Bobi Wine yagumye akorera aho yaba bita « the Ghetto president » aho yemera kuronka amafaranga make kandi yari gushobora kugenda aho ashobora kuronka amafaranga menshi.

Ikinyamakuru New Vision co ngaho mu gihugu ca Uganda, kimenyesha ko umuririmvyi Bob Wine Yaronse amajwi 25 659 ku majwi 33 310.

Bob Wine, yitoje ku gatwe kiwe adashigikiwe n’umugambwe n’umwe, akaba yarushije abantu 4 mubo bahiganwa mu ntara ya Kyadondo.

Ico kibanza co mu nama nshingamateka cagumye kigaragara inyuma yaho abajejwe ubutungane bamenyesheje ko amatora yariyabaye ku mwaka uheze wa 2016 kurico kibanza atakwirikije amategeko ajanye n’amatora.

Inyuma y’iyo ntsinzi Bob Wine yamenyesheje ko agiye kunywanisha abanyagihugu kurusha uko yahora abikora abicishije mu muziki.

Bob Wine yavuze ati: "Ikintu ca mbere nipfuza gukora ni gusubiza hamwe abategetsi ba Kyadondo,nipfuza ko poritike idushira hamwe nka kurya kw’umuziki."

Imwe mu migambi yamye ashigikira afashijwe n’umutambukanyi wiwe Barbara, ni iyijanye n’indero hamwe n’imigambi y’amazi n’isuku mu gihugu cose .

Mu ndirimbo amaze gusohora, harimwo « Kadingo »yigisha kugira isuku ,mu matora y’umwaka wa 2011 naho akaba yasohoye indirimbo yise « Obululu tebutwawula » yavuga ko amatora n’imigambwe bitotuma abaganda bacanamwo .


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha