IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Umuntu wese asabwa kugira uruhara mu gukinga indwara yo mu kigo

Umuntu wese asabwa kugira uruhara mu gukinga indwara yo mu kigo

mardi 23 Rusama 2017

Ico kiganiro catunganijwe ku civugo : ‘’Kuvuga indwara yo mu kigo bingana gukiza ubuzima’’ mu gifaransa : PARLER DES FISTULES₌SAUVER DES VIES citabwe n’abamenyeshamakuru, abaganga, abakora mu mashirahamwe ateza imbere abakenyezi, hamwe n’abaserukiye ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho irwirirana ry’abantu.

Mw’ijambo ryiwe, umukuru wa FESTICAB mu Burundi yashimiye ishirahamwe mpuzamakungu FNUAP ku ruhara ryagize mu gutunganya ikiganiro, mu ntumbero yo gufasha abakenyezi kwikingira indwara yo mu kigo.

Uwaserukiye ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu FNUAP mu Burundi yashimiye isabukuru FESTICAB kuba ryariyumviriye ku civugo gishingiye ku gateka k’umukenyezi, kuko bimaze kuboneka ko kutavuga ingorane abakenyezi bahura nazo bituma babandanya kubangamirwa.

Uwo yaserukiye ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho irwirirana ry’abantu yemeye ko rigiye ishirahamwe FNUAP kubandanya rishigikira isabukuru mpuzamakungu ry’amareresi mu Burundi Festicab.

Mu kiganiro yatanze, Muganga Yolanda MAGONYAGI akora mw’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho irwirirana ry’abantu FNUAP, yamenyesheje ko indwara yo mu kigo ari indwara ifata abakenyezi, abato n’abakuze, bava mu ntara zose ariko ko mu gihe uwuyirwaye ayivuje kare ikira neza.

Muganga Yolanda MAGONYAGI asaba uwariwe wese guterera mu gukinga iyo ndwara biciye mu kubwira uwo wese afise iyo ndwara kwegera ikigo URUMURI kiri ku bitaro bikuru vy’i Gitega cakira abafise indwara yo mu kigo.

Ikiganiro ku bijanye n’indwara yo mu kigo, catunganijwe mu ntumbero yo kubandanya indwi yahariwe kwerekana amareresi ari mw’ihiganwa ry’isabukuru mpuzamakungu ry’amareresi mu Burundi, Festicab.


MUGISHA Van

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.