IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amatongo > Abafise ibibanza hafi y’ibiro bishasha vy’umukuru w’igihugu basabwa kuhava mu (...)

Abafise ibibanza hafi y’ibiro bishasha vy’umukuru w’igihugu basabwa kuhava mu maguru masha

lundi 20 Ntwarante 2017

Umushikiranganji w’ibidukikije, amazi ,amatongo no gutunganya ibisagara , asaba abafise ibibanza vyo kwubakamwo biri hafi y’ahariko hubakwa ahazokorera umukuru w’igihugu kuhava mu maguru masha.

Mw’ikete umushikiranganji Celestin NDAYIZEYE yandikiye umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu no gukundisha igihugu, amenyesha ko inyubakwa canke ibiterwa biri ku buringanire bwa hegitare 40 hafi y’inyubako bitegerezwa kuba vyavuyeho kw’igenekerezo rya 31 Ntwarante,umwaka wa 2017.

Umushikiranganji w’ibidukikije ,amazi, amatongo no gutunganya ibisagara amenyesha ko abantu baba canke bafise inyubako kw’ihegitari 160 nabo bategerezwa kuva muri ico kibanza mu maguru masha.

Bitegekanijwe ko inyubako z’ahazokorera umukuru w’igihugu ziriko zubakwa mu Gasenyi,zizotwara ikirere kingana n’ihegitari 200.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.