Accueil > Amakuru > Amatongo > Abafise ibibanza hafi y’ibiro bishasha vy’umukuru w’igihugu basabwa kuhava mu (...)
Abafise ibibanza hafi y’ibiro bishasha vy’umukuru w’igihugu basabwa kuhava mu maguru masha
lundi 20 Ntwarante 2017
Umushikiranganji w’ibidukikije, amazi ,amatongo no gutunganya ibisagara , asaba abafise ibibanza vyo kwubakamwo biri hafi y’ahariko hubakwa ahazokorera umukuru w’igihugu kuhava mu maguru masha.
Mw’ikete umushikiranganji Celestin NDAYIZEYE yandikiye umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu no gukundisha igihugu, amenyesha ko inyubakwa canke ibiterwa biri ku buringanire bwa hegitare 40 hafi y’inyubako bitegerezwa kuba vyavuyeho kw’igenekerezo rya 31 Ntwarante,umwaka wa 2017.
Umushikiranganji w’ibidukikije ,amazi, amatongo no gutunganya ibisagara amenyesha ko abantu baba canke bafise inyubako kw’ihegitari 160 nabo bategerezwa kuva muri ico kibanza mu maguru masha.
Bitegekanijwe ko inyubako z’ahazokorera umukuru w’igihugu ziriko zubakwa mu Gasenyi,zizotwara ikirere kingana n’ihegitari 200.
IGIHE
Messages
20 Ntwarante 2017, 15:27, par musa
ibyo nibyiza cyane ahantu hose bubaha umukuru w’igihugu naho akorera,nahano mu RWANDA niko bimeze.
20 Ntwarante 2017, 17:21, par Dusabumukiza Théophile
Reta Yuburundi Ndayikunda Cane .Ariko Ndayisavye Irabe Abo Banyagihugu Ntibaviremwo Aho.Kuko Nibene Uburundi.
20 Ntwarante 2017, 17:29, par Dusabe Théo
Reta Nirabe Abo Banyagihugu Ibibuke.