Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi asaba abarimyi gukoresha ubuhinga bwo kuvomera

Yanditswe na IGIHE
Kuya 9 Ruhuhuma 2017 saa 09:42
14835
0 0

Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Deo Guide RUREMA amenyesha ko umwimbu wabaye muke mu gice ca mbere c’irima c’umwaka wa 2017,bivuye kw’ihindagurika ry’ikirere.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru,Deo Guide RUREMA arongoye ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi avuga ko nk’ibindi bihugu vyo kw’isi, igihugu c’Uburundi naco cakozweko n’ihindagurika ry’ikirere.
Deo Guide RUREMA amenyesha ko mu gice ca mbere c’umwaka w’uburimyi mu mwaka wa 2017,umwimbu muri rusangi uzoba uri munsi y’ibice 50 (...)

Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Deo Guide RUREMA amenyesha ko umwimbu wabaye muke mu gice ca mbere c’irima c’umwaka wa 2017,bivuye kw’ihindagurika ry’ikirere.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru,Deo Guide RUREMA arongoye ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi avuga ko nk’ibindi bihugu vyo kw’isi, igihugu c’Uburundi naco cakozweko n’ihindagurika ry’ikirere.

Deo Guide RUREMA amenyesha ko mu gice ca mbere c’umwaka w’uburimyi mu mwaka wa 2017,umwimbu muri rusangi uzoba uri munsi y’ibice 50 kw’ijana.

Kubwo umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi,abanyagihugu bari bakwiye gutangura gukresha ubuhinga bwo kuvmera ibiterwa, mu ntumbero yo gukinga ubugararwa.

Umushikiranganji Deo Guide RUREMA asaba abarimyi kwitegurira impeshi,bagakresha neza umwavu w’ikizungu bazoronswa.


Kumenyekanisha

1
mbonankira charles 9-02-2017 à 20:48

uvuzukuri nyakubahwa minisiri nanje ndagushimiye kurico ciyumviro ariko irigasiyo kwizimvye abarimyi tuzokura uburyo hehe bwokuvomera ahubwo nuturonderere abafasha natwe turi kukivi yari mbonankira chalres

2
musore 9-02-2017 à 16:30

Ambara ibotine ubereke ukuntu barima, Apana kwambara amakoti.
Thanks.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha