IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Amareresi y’abarundi agiye kugurwa ku muhora ngurukanabumenyi

Amareresi y’abarundi agiye kugurwa ku muhora ngurukanabumenyi

jeudi 2 Nzero 2014

Léonce Ngabo umukinyi w’amareresi wo mu Burundi yaratowe n’ikigo "Udala Media" kijejwe kugurisha amareresi y’abanyafrika bacishije ku muhora ngurukanabumenyi kugira abe ariwe agiserukira muri Afrika yo hagati, hamwe no muri Afrika y’ubuseruko. Kubwa Léonce Ngabo, kugurisha izo reresi bacishije ku muhora ngurukanabumenyi ni akarusho ku bakinyi b’amareresi bo mu Burundi, kuko batahora baronka aho bagurishiriza amareresi yabo.

Léonce Ngabo amenyesha ko gushika uno munsi, abakinyi b’amareresi bo mu Burundi bari bafise ingorane zo kutaronka aho bagurisha amareresi yabo. Agira ati : "Mu gihugu c’Uburundi naho twahamagara ku mboneshakure kugira bakugurire iyo reresi ntacavamwo, bazerekana ku buntu. Bari bakwiye kumenya ko kugira umukinyi w’ireresi ahashike guheza gutunganya ireresi aba yashizemwo umwanya wiwe wose, amafaranga menshi yaba ayo kwiyunguruza, ibikoresho bitandukanye n’ibindi. Ubiravye rero aba yashizemwo uburyo bwinshi, ni naco gituma nawe aba akeneye agahembo"

JPEG - 36 ko
Léonce Ngabo

Yabandanije asigura ko abarundi bakinye amareresi atandukanye bazoshobora kuzigurisha biciye ku muhora ngurukanabumenyi, bakazokorera ku masezerano. Kubwa Léonce Ngabo, kubera ubwo buryo bushasha bwo kugurisha ayo mareresi, abagura bazoba benshi ni nayo mpamvu ahamagarira urwaruka rw’abarundi rukina amareresi gukora ibintu vy’akarorero mu kwizera ko bazoronka ababashorera batandukanye. "Nk’umurundi birumvikana ko nzokora uko nshoboye mu guteza imbere abarundi bene wacu."


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.