IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Bujumbura: Isozerwa ry’inyigisho zo kwandika amareresi

Bujumbura: Isozerwa ry’inyigisho zo kwandika amareresi

lundi 30 Nyakanga 2013

Ivyirwa vyo kwigisha kwandika amareresi vyari bimaze indwi 2 bihabwa abakunzi b’amareresi 20 vyaraye birangiye. Ku mugoroba w’uyu wa gatandatu niho vyasozerwa. Ivyo vyirwa vyatunganijwe n’ishirahamwe Camera Mundu hamwe na COPRODAC, bifashwe mu mugongo na Handicap International. Vyasozerejwe kwiyerekanwa kw’ireresi “Fier de moi” yakozwe n’abahawe ubumenyi muri izo nyigisho.

Ku mugoroba w’uyu wa gatandatu, mu kigo c’abafaransa co mu Burundi niho hasozerwa inyigisho zo kwandika amareresi. Izo nyigisho zahawe abakunzi b’amareresi bagera 20. Zatunganijwe n’ishirahamwe ryo mu Bufaransa, Camera Mundi hamwe niryo mu Burundi COPRODAC bifahwe mu mugongo na Handicap International. Izo nyigisho zamaze indwi 2. Mu kuzisozera, harerekanywe ireresi yakozwe n’abakurikiranye izo nyigisho. Iyo nayo ikaba yitwa “Fier de moi” y’uwotwa Yannick Ndayisaba. Iyo reresi ikaba yatowe muri 20 zari zatanzwe n’abitavye ivyo vyirwa vyo gukarihirizwa ubwenge mu kwandika amareresi.

JPEG - 26.6 ko
Yannick Ndayisaba

Ibirori vyo gusozera izo nyigisho vyatanguye n’ijambo ryuwaserukiye ishirahamwe Handicap International, umupfasoni Caroline. Uyu yabanje gusigurira abari ngaho ibijanye n’indwara yo mu kigo ifata abakenyezi, kimwe mu vyavurwa muriyo reresi. Yannick Ndayisaba yarishurye ku bibazo vyabari baje kuraba iyo reresi. Aho hari imbere yuko abakurikiranye izo nyigisho bahabwa mpapuro zemeza ko bakurikiranye izo nyigisho.

Yannick Ndayisaba yanditse iyo reresi yerekanywe yatumenyesheje ko ari akanyamuneza ntangere kubona ireresi yiwe yaratowe mu zindi maze iranakorwa. Yarashimye cane no kubona abamukurira muri ubwo buhinga baramukeje kuri ico gikorwa. Yannick ati:”…abantu nahora ntinya no kwegera, baje bakanyegera bakankeza, vyampaye inguvu zo gukora”. Imbere yaho yari yamenyesheje ko iyo reresi ibaye iya mbere atari iyanyuma akoze.

JPEG - 37.5 ko
Adrian Smith kumwe na Yannick Ndayisaba

Izo nyigisho zatanzwe n’umwigisha wo muri za kaminuza zo mu Bufaransa yitwa Adrian Smith. Uyu akaba asanzwe ari n’umwanditsi w’amareresi. Smith yaramenyesheje ko yahimbawe cane nuko izo nyigisho zagenze. Kukaba nkako, ivyari ku rutonde rwizo nyigisho vyose vyararanguwe. Smith yanamenyesheje ko, inyuma yo kubonana n’umwe umwe mu bitavye izo nyigisho, yasanze abarundi bafise ico bisangije. Ati: “Amareresi bandika ajanye n’ubuzima bw’abarundi, ivyo ahandi usanga bagerageza kwandika ivy’imico yo hanze y’igihugu cabo”. Ivyo akaba yabivuze afatiye ku bandi bo mu bindi bihugu vya Afrika bamaze gukorana. Yasozereye asaba urwaruka gushiruka ubute mu kwandika amareresi, ukuraba amareresi y’abarundi hamwe no kugendera ibindi bihugu. Gutyo barwize ubumenyi muvyo bandika.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.