Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi - Rwanda : Hamwe Stevia irarandurwa ahandi igahabwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Burundi - Rwanda : Hamwe Stevia irarandurwa ahandi igahabwa (...)

Burundi - Rwanda : Hamwe Stevia irarandurwa ahandi igahabwa ikaze

mardi 27 Nzero 2015

Mu gihugu kibanyi c’Urwanda, ishirahamwe "SteviaLife" ryo mu gihugu ca Canada hamwe na Reta y’Urwanda bateye umukono ku masezerano yo gutangura kurima igiterwa ca Stevia mu Rwanda. Ayo masezerano ateweko umukono mu Rwanda, mu gihe mu gihugu c’Uburundi ico giterwa kiburabuzwa, mu mihingo itandukanye kikarandurwa kandi abakizanye bashaka kugikwiragiza mu gihugu cose.

Ayo masezerano y’ugutangura kurima Stevia mu Rwanda yateweko umukono hagati ya François Kanimba umushikiranganji w’ubudandaji ku ruhande rw’Urwanda, hamwe na Dorian Banks ajejwe ibikorwa vy’ishirahamwe Stevia Life ryo muri Canada, akaba ari nawe yatanguje ico giterwa.
Amakuru duhabwa na bagenzi bacu bakorera ikinyamakuru IGIHE mu Rwanda, amenyesha ko umushikiranganji François Kanimba yasiguye ko ayo masezerano yashizweko umukono mu ntumbero yo kwongereza igitigiri c’ibidandazwa njabukamazi vyinjira mu Rwanda. Uwo mushikiranganji yagize ati :"Iki gihingwa ni cyo cyonyine rukumbi gitanga isukari y’umwimere itangiza ubuzima bw’umuntu. Kubera akamaro ka cyo ku buzima, inganda z’ibiribwa ndetse n’ibinyobwa, zifashisha isukari yacyo ku Isi yose, ziri kugishakisha. Rero ni inyungu iremereye ku Rwanda akaba ari na yo mpamvu tugiye gufasha aba bashoramari kubona ubutaka buhagije bwo kugitunganyirizaho."

Igiterwa ca Stevia gihawe ikaze mu Rwanda, mu gihe mu Burundi hakiri impari ku bijanye n’ikwiragizwa ry’ico giterwa kija cari camaze gushikanwa mu Burundi. Epitas Bayaganakandi arongoye STEVCO, ariyamiriza itotezwa avuga ko ariko aragirirwa n’ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi, aho ubwo bushikiranganji buheruka gutanga itegeko ku bayobozi b’uburimyi n’ubworozi mu ntara zose, ryo guhagarika ikwiragizwa ry’igiterwa ca Stevia.
Avuga ko abariko baraburagiza ibikorwa vy’ikwiragizwa ry’ico giterwa, ari abadashaka iterambere ku munyagihugu, mu gihe abanyagihugu amajana ane buca babura akazi kubera iburabuzwa ry’ico giterwa.

Epitas Bayaganakandi akavuga ko bariko batotezwa mu gihe bamaze gushira amafaranga menshi muri ico giterwa coshobora kuzanira amafaranga y’agaciro Uburundi, mu gihe kandi ikiro kimwe ca Stevia kigurwa amadorare y’Amerika agera kuri 1, 2 (hafi 2500 y’amarundi) kiguriwe mu Burundi, nayo amababi yumye ashikanywe hanze, agashobora kugurwa amadorare 2,5.
Epitas Bayaganakandi arongoye STEVCO yamenyesheje ko abariko baramutoteza, bafise iyindi ntumbero ya poritike, agasaba abajejwe intwaro ko bokubitiza agatima mpembero, bakibuka ineza y’igihugu n’umunyagihugu, aho gushaka gucinyiza iterambere ry’umunyagihugu, na rirya abamaze kuronka ingemwe zo gutera ico giterwa ca stevia bari batanguye kwitegurira guhamba ubukene. Epitas Bayaganakandi yamenyesheje ko hamwe iyo ngendo yobandanya, ko yiteguriye kwitura ubutungane mpuzamakungu.

JPEG - 37.5 ko
Epitas Bayaganakandi arongoye STEVCO

Tubibutse ko igiterwa ca "Stevia" gitanga isukari ikoreshwa mu guhingura ibiribwa n’ibinyobwa bitagira ingaruka ku buzima bwa kiremwa muntu.


Egide Nduwimana

Messages

  • Burundi#Manyanga ya CNDD-FDD.Mbega uburimiyi buhuriyehe na Politique??Uwushaka bisness iyariyo yose IBurundi amanze aje muri CNDD(bushmem) kwiyandikisha!!!Ntakindigihungu gikora amanyembwa nk’ayo uretse Uburundi bwa Bushmen(CNDD-FDD)!!Muraja ahandi murabe ukuntu reta ahubwo itanga imitahe iteye ubwoba ifasha abanyamitahe babombora ubuzima bw’abanyagihugu batobato!!I Burundi ho bakora igihushane c’ahandi(Stupid bushgoers)

  • Ivy’uburundivyanyobeye!Hari igihe nibaza ko ndiko ndarota ngira nzoteba nikangure. None uwoba atwara atiyumvirira ejo igihugu abamwo, ntimwumva ko aba ageze kuri phase yo kwiyahura! N’imiburiburi umuntu yoha intege abateza imbere igihugu hanyuma umurongozi akaba fier no kubona igihugu cisununuye mu kiringo c’intwaro yiwe. Mumpubure,ndasavye.

  • Muncamake ntushobora kurondera ikintu kutagifise ntusabe amahoro satani wewe atanga urupfu! Imana yaduhaye ivyo vyiza bitotahaye harimwo stevia ngo bidufashe ntagitangaza lero satani abihonya nimbavyomushobokera ariko afise igihe gito mumugwanye mugusa nawe azobahunga!

  • Banza ube cndd.fdd canke ube uzi kwica aho rero ico kirimwa kizokwemegwa.

  • Hemwe na kare nahandi mu Burundi tuzokwama turi mu nyuma z’abandi. Kuko ubutaka burahali bwo gurimako ico giterwa. None kuki leta itodufasha ngo natwe twivane mu bukene?

  • manyanga niso we yakuvyaye hama akakwigisha amacakubiri ntasoni abantu mwataye umutwe peeee

  • ubwo abo bategetsi bagomba BITUGUKWAHA ,dore ko mu BURUNDI turi aba mbre mu GUTUBURA ,n?IMIYOBORERE MIBAYA muri .Nyakubahwa Paul KAGAME,iyo wumvise umu friend His Excellence of BURUNDI,bigorana gufata measure iraba kure mwe na bagenzi bawe bo mur EAC; ntimwumva MUSEVYE,?Gira ico mufasha nyakubahwa ,UBUTINDI nga i BUJA buramara

  • Ntamvura Idahita Kizorimwa Uwucanka Yankumuryango N’uruvyaro Rwiwe Kndi Ntacazoshkako Kuko Tunyotew Iterambere.

  • Ntamvura Idahita Kizorimwa Uwucanka Yankumuryango N’uruvyaro Rwiwe Kndi Ntacazoshkako Kuko Tunyotew Iterambere.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.