Accueil > Kwidagadura > Umugwi > Burundi Peace one Love > Carton Ntirampemba: Uburundi burakeneye abantu bameze nka Bob (...)
Carton Ntirampemba: Uburundi burakeneye abantu bameze nka Bob Marley
vendredi 3 Ndamukiza 2015
Umurwi "Burundi Peace One Love" uriko witegurira guhimbaza umunsi wo kwibuka Bob Marley. Mu gihe Uburundi bukeneye abantu bazana amajambo y’ihumure, uno mwaka bazokwibuka cane cane ibikorwa vya Bob mu guhuza abantu, mu mpanuro n’urukundo.
![](local/cache-vignettes/L448xH336/dsc08264-19de4.jpg?1517272198)
Carton Ntirampemba azwi kw’izina rya Americain avuga ko Bob yari umuhuza w’abantu biciye mu butumwa yatanga mu ndirimbo ziwe zisaba urukundo, umwumvikano, zihamagarira kandi abantu kuba umwe. Eka n’ibikorwa vya Bob Marley vyo gufasha abagowe, abari mu mabohero, abana bo mw’ibarabara n’abandi. Americain avuga kandi ko muri kino gihe, Uburundi bukeneye abantu bameze nka Bob Marley kugira urukundo rwabuze mu Barundi rugaruke, kugira amahoro aronke ikibanza, kugira abana n’abavyeyi bari mu mabarabara baronke ingo baramutswa, kugira ubudasa abantu bibonamwo batahure ko ari bamwe.
Americain wo mu murwi "Burundi Peace One Love" avuga ko Bob yababereye akarorero keza, indirimbo ziwe zose zifise akanovera ariko, aremeza ko ururirimbo "One Love"rwabakoze ku mutima.
Ibirori vyo kwibuka umuhisi Bob Marley, kw’igenekerezo rya 11 Rusama bizobera ku muri komine Bukeye iri mu ntara ya Muramvya, aho Americain asanzwe avuka. Avuga ko we n’umurwi wiwe bazogendera ingo z’abasaza hamwe n’imwe mu miryango ikenye.
Umviriza usome n’amajambo ari mu ruririmbo "One Love" rwa Bob Marley
Cherif Nkeshimana
Messages
3 Ndamukiza 2015, 15:21, par Jamboyigizumuntu
Ahobasha wombarira icoyakoze mumwaka wa 88 mubihetwita vya Ntega na Marangara ntiyariho arumugamo gurtyonyene? Nashaka kubabwirako ibibikorwa mwikigihe ntahobihuriye nubutwari ahubwo nibintu vyokurwanya reta ya DD mukaba mubizi kovyatanguye nyuma yamatora yomuri 2010
3 Ndamukiza 2015, 23:22, par petricke. nb
Awana akili bob alifanya nini burundi ao msahada gani alifanya?ao ni bangi ndo ina wasumbuwa.kolikoni mjenge nchi munaleta uJinga