IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umugwi > Burundi Peace one Love > Umurwi Burundi Peace One Love washize ahabona urukwirikirane rwa (...)

Umurwi Burundi Peace One Love washize ahabona urukwirikirane rwa mbere

jeudi 3 Ndamukiza 2014

Urukwirikirane rwa mbere rw’umurwi Burundi Peace One Love rwagiye ahabona. Rugizwe n’indirimbo 10, zimwe zivanze ikirundi n’icongereza. Zakozwe kandi ku ntererano y’abahinyanyuzi batandukanye.

Ntirampeba Carton azwi kw’izina rya Americain, ni umwe mu bagize umurwi Burundi Peace One Love, ku bwiwe urwo rukwirikirane bise "Intimba y’abanyororo"(izina rya rumwe mu ndirimbo ziri mu rukwirikirane) indirimbo zirimwo zifise ubutumwa bw’amahoro, gusubiza hamwe, agateka ka zina muntu n’ubutungane. Ubwo butumwa bwumvikanira mu majambo agize izo ndirimbo ziri mu mudiho wa Raggae. Amazina yazo ni aya akwirikira:"Intimba y’Abanyororo, Fighting Against Injustice, Tsimbataza Ubumwe, Rasta Arubaka, Duheze Intambara, Kundane, Ni Yesu Wenyene, Tinya Sida, Twarabonye Intambara, Supporting Raggae".

Nk’uko Americain abimenyesha, urwo rukwirikirane rwagiye ahabona kubera abahinyanyuzi bafashije ataco basavye, bamwe muri bo ni Adomix, Romeo, Placide, Amili Pro, n’abandi.

Mu ntumbero yo kwitegurira umunsi wo kwibuka umuhisi Bob Marley, abo mu murwi Burundi Peace One Love bariko bagerageza gusanura ibarabara riri ku Mutumba Gahaga muri komine Kiganda, basaba abarongoye iyo komine gufasha muri ico gikorwa.


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.