EAC igiye gutangura gukoresha urupapuro rw’inzira rukozwe mu buhinga bwa none

Yanditswe na IGIHE
Kuya 9 janvier 2016 saa 08:11
Yasomwe : 29412
0 0

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika y’Ubuseruko EAC rimenyesha ko rigiye gutangura gutanga impapuro z’inzira zikozwe mu buhinga bwa none kandi zihuriweko n’ibihugu vyose.
Mw’itangazo ryasohowe n’Umunyamabanga wa EAC, Richard Sezibera, rimenyesha ko mu ntango z’uwu mwaka w’2016 izo mpapuro z’inzira E-passport zizotangura gukoreshwa n’abanyagihugu b’Urwanda,Ubuganda,Kenya,Tanzaniya n’Uburundi.
Izo mpapuro z’inzira zari gutangwa mu pmera z’umwaka uheze wa 2016,ariko vyigizwa inyuma kugira haboneke umwanya (...)

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika y’Ubuseruko EAC rimenyesha ko rigiye gutangura gutanga impapuro z’inzira zikozwe mu buhinga bwa none kandi zihuriweko n’ibihugu vyose.

Mw’itangazo ryasohowe n’Umunyamabanga wa EAC, Richard Sezibera, rimenyesha ko mu ntango z’uwu mwaka w’2016 izo mpapuro z’inzira E-passport zizotangura gukoreshwa n’abanyagihugu b’Urwanda,Ubuganda,Kenya,Tanzaniya n’Uburundi.

Izo mpapuro z’inzira zari gutangwa mu pmera z’umwaka uheze wa 2016,ariko vyigizwa inyuma kugira haboneke umwanya ukwiye wo kwiga neza ishirwa mu ngiro ry’uwo mugambi.

Dr Richard Sezibera,umunyamabanga wa EAC yavuze ko izo mpapuro z’inzira ari imwe mu ntambwe ikomeye ibihugu bigize EAC biteye mu mugambi wo gukorera hamwe.

Yavuze ko ari ivyo kwishimira kuba Afrika y’Ubuseruko ibandanya kuba imbere mu kuja hamwe hamwe no mw’iterambere. Yavuze kandi ko bashaka gukoresha ubuhinga bwa none mu gufata ibikumu vy’abinjira n’abasohoka ku mbibe z’ibihugu vyose.


Kumenyekanisha

1
martin 12-01-2016 à 21:14

Nibyiza kubanibyo bigirabishike kuko tubatwaranizwe kuvakera

2
Ndayishimiye Jado 12-01-2016 à 07:20

None zizoboneka nomuntara zose zibihugu ?

3
Eunique 10-01-2016 à 18:38

None Izompapuro Zinzira Zizotangirwa Mugihugu Ikihe ?

4
Eunique 10-01-2016 à 18:37

None Izompapuro Zinzira Zizotangirwa Mugihugu Ikihe ?

5
didy 10-01-2016 à 00:04

Vyiza cane abakora amakosa boba bake

6
Aaron NIYIBIZI 9-01-2016 à 15:19

Izo Passport Zizobazizimvye Canke ?

7
kk 9-01-2016 à 13:37

Uburundi babuvane muri EAC.

8
HAGENIMANA FRANCOIS 9-01-2016 à 12:40

ibi bintu ni byiza biragira ibyo bigabanya bitari byiza abantu batari inyangamugayo bakoraga bakagenda ku ndangamuntu nkaba hunze gukurikiranwa .byihutishwe

9
SIMBARUHIJE JEROME 9-01-2016 à 12:38

MBEGA KO TWARIDUSANGANYWE IMPAPURO DUHABWA NIBIHUGU VYACU IZOMPAPURO ZIZOBANDANYA ZIKORESHWA KUGEZA IKIRINGO CAZO GIHEZE BABONE GUTUNGANYA IZO NSHASHA ?

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha