Accueil > Amakuru > Ubuseruko > EALA : Umukuru w’inama nshingamateka yabogojwe yagirizwa agasuzuguro
EALA : Umukuru w’inama nshingamateka yabogojwe yagirizwa agasuzuguro
jeudi 27 Munyonyo 2014
Ukwigenza nabi mu nama nshingamateka, kutubaha abo bakorana, kudashobora kurangura neza amabanga yashinzwe, kwitwaza igikenye mu kurangura amabanga, ivyo ni bimwe mu vyatumye Margaret Nantongo Zziwa akurwa mu mabanga yo kurongora inama nshingamateka y’Ubuseruko bw’Afrika.

Margaret Nantongo Zziwa akaba yabogojwe mu nama yabereye i Nairobi mu gihugu ca Kenya kuri uyu wa 26 Munyonyo, ndetse hakaba haciye hagenwa umurwi wiga ivyagirizwa umukuru w’iyo nama nshingamateka. Intango yo gushaka kubogoza Margaret Nantongo Zziwa ikaba yabaye mu kwezi kwa Ndamukiza uwu mwaka, ubu rero hakaba haciye hashirwaho umurwi ugira amatohoza kuvyagirizwa uwo mukuru w’iyo nama nshingamateka, uwo murwi nawo ukaba wahawe iminsi 21, ni ukuvuga amayinga atatu.
Umushingamateka Abdullah Mwinyi ari mubasavye ko umushingamateka Margaret Nantongo Zziwa abogozwa, akaba ari nawe yanasavye ko uwo yahora abarongoye yoba arahagaritswe mu mabanga mu kurindira amatohoza. Uwo mushingamateka Margaret Nantongo Zziwa akaba yaheruka gufata ingingo yo guhagarika ibikorwa vy’inama nshingamateka igihe kitazwi, bituma agashavu kaduga mubo bakorana.
Mukamenya ko ingingo y’icenda igenga iyo nama nshingamateka, ivuga ko bibiri vya gatatu vy’abashingamateka bashobora kubogoza umukuru wabo iyo hari ivyo bamwagiriza.
- Hon Chris Opoka-Okumu, uwatowe
Aristide Nizigire
Messages
27 Munyonyo 2014, 10:01, par NDEREYIMANA MODESTE
Vyaramugoye bukebuke ariko ntakundi,ivyo bibaho kimwe gusa burya abantu barimwo Imana,wanswe n’abantu Imana yo ishira mu ngiro ivyo abantu bakunze canke banse d’où:UWUTAZI IVYISI AVYITA IVYIWE
27 Munyonyo 2014, 12:47, par steeven eric
be carefull abasi buburundi barahari
27 Munyonyo 2014, 15:37, par Butame
Mu Burundi vyarigeze gushika barabogoza Busokoza,sinzi ko vyo shoboka nkubu ,ariko mwa birya bihugu hoho,baragerageza kwisunga amategeko.Iy,aba vyogenze uko,aha iwacu,démocratie yoteye imbere n,iterambere rigashwara igihugucose.Ariko usanga abategetsi bakingiranira ikbba.Nibarabire Kuri ako karorero.
28 Munyonyo 2014, 00:27, par 2
iki kigore kiraryoshye peeeee, naho uwamusubiriye ndabon amatama atazamukundira kureba kubera umubyibuho.
28 Munyonyo 2014, 07:52, par ingabire
kwishimira ivy’isi antakamaro canke icuri vyos ntaco bimaze bavandimwe kuko vyos tuzosiga aha nyene yobu:ati navuy munda ya mama mpeny kandi ninapfa ntaco nzojana na kimwe:ikibazo umuntu wes akwiy kwibaza "mbega nimpfa nzoja hehe?mugihano kibi c’ibih vyose ,canke aho uhoraho yateguriy abahindishwa agashitsi n’ijambo rivuye mukanya kiwe kandi bakaryumvira? dukwiye kugenzura ivy’ibihe .murakoze.