Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Hatungimana ati : ’’Ibikorwa na Musenyeri Bambonanire uwutobishima yoba (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amatongo > Hatungimana ati : ’’Ibikorwa na Musenyeri Bambonanire uwutobishima yoba (...)

Hatungimana ati : ’’Ibikorwa na Musenyeri Bambonanire uwutobishima yoba atangaje’’

vendredi 27 Kigarama 2013

Umuvugizi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi Leonidas Hatungimana amenyesha ko, umukuru w’igihugu akenguruka ibikorwa birangurwa na Musenyeri Serapiyo Bambonanire asanzwe arongoye umurwi w’igihugu ujejwe ibibazo vy’amatongo n’ayandi matungo.

Mu kiganiro kiriko kibera mu ntara ya Ngozi ari kumwe n’abavugizi b’ubundi bushikiranganji butandukanye Leonidas Hatungimana akaba yabajijwe ico Bambonanire yagomwe n’umukuru w’igihugu kugira ashobe kubandanya arongora uyo murwi w’igihugu. Umuvugizi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi, akaba asigura ko ibikorwa na Musenyeri Bambonanire uwutobishima yoba atangaje, kuko ibikorwa vyiwe ari vyiza, kandi binywanisha abarundi, abari mu matongo canke amazu y’abandi bakayakwa agasubizwa ba nyeneyo.

Leonidas Hatungimana rero akaba yavuze ko ahubwo Bambonanire akwiye ikidari kuri ivyo bikorwa arangura kuko ndetse ubu yatandukiriye n’umugambi wo kunywanisha abanyagihugu, abanyagihugu rero bakaba bamwitura ari benshi bamusaba ko yobafasha nk’uko bibandanya bivurwa na Leonidas Hatungimana umuvugizi w’umukuru w’igihugu.

Tukabamenyesha ko, abatari bake harimwo abari mu migambwe itandukanye n’abandi banegura uburyo Musenyeri Bambonaire arangura ico gikorwa co gusubiza mu zabo abantu, kuko bamwagiriza kuba akoresha inguvu muri ivyo bikorwa. Mu mugambwe Uprona ho, bakaba bagumye bagiriza Bambonanire kuba ahengamye cane, ndetse agahengamira ku bahungutse, ari naco gituma igenwa ryiwe ubwa kabiri, yabaye nk’ukubasogota mu gisebe kitarakira.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.