IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Ibihugu 3 vyo muri Afrika y’Ubuseruko vyitwariwe muri sentare

Ibihugu 3 vyo muri Afrika y’Ubuseruko vyitwariwe muri sentare

mardi 19 Munyonyo 2013

Hari abanyagihugu batatu bo mu karere k’Afrika y’Ubuseruko bashikanye urwandiko muri sentare y’akarere ka EAC, bavuga ko bitwariye ibihugu vy’Urwanda, Kenya n’Ubuganda, kubona ivyo bihugu vyarubahutse bikagira amanama bidatumiye igihugu c’Uburundi na Tanzaniya, aho bavuga ko ari agasuzuguro, kandi izo nama zitakurikije amategeko.

Ally Msangi, David Mataka na John Adam Bwenda bamaze kwitura umushingwamanza Jimmy Obed i Dar es Salaam kugira abakurikiranire urubanza, mu gihe bavuga ko inama zose ivyo bihugu bitatu vyagize Uburundi na Tanzaniya bitarimwo, zitakurikije amategeko. Abo banyagihugu bakaba basaba akarere ka Afrika y’Ubuseruko gukurikiza amategeko yumvikanyweko hagati y’Ubuganda, Urwanda na Kenya ndetse n’ibihugu bitagitumirwa mu manama y’akarere ka EAC.
Muri urwo rwandiko, abo banyagihugu batatu bo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko bakaba basaba sentare y’akarere ko yohabera magabo kugira ntihave havuka irindi shirahamwe hagati y’ibihugu bitatu biri muri EAC, bikumiriye ibindi.

Umwe muri abo batanze urwo rwandiko, akaba amenyesha ko bagiye kuguma basaba ubutungane, ko amakosa yakozwe yokosorwa, kugira kurenga amategeko ntibisubire hagati y’abashize umukono ku masezerano yo kwubahiriza amategeko agenga akarere ka EAC.

Amakuru dukura mu kinyamakuru THE GUARDIAN, avuga ko abo banyagihugu batunga agatoke ibihugu bitatu vyo mu karere kuba vyarakoranije inama zitatu mu bihugu vyabo, batatumiye abandi, aho ibihugu vy’Urwanda, Kenya na Uganda vyagirizwa kuba vyarahonyanze ingingo za 71 agace F, na 71 agace D, n’ingingo ya 13, umurongo wa 3, ingingo ya 6 agace A,B,D na F eka n’ingingo y’umunani akarongo ka 1 agace C, n’akarongo ka 3 agace C.

Muri urwo rwandiko, abarwanditse bagasaba umunyamabanga w’akarere ka EAC yobasigurira icatumye haba izo nama zose, inama zagiye zigirwamwo ibitari bike vyerekeye akarere, Uburundi na Tanzaniya bitarimwo.


IGIHE

Messages

  • Mugemutumira bagenzi banyu munama. kandimwumvikane. Muzajya mwihutira imanza. Nkurunziza numuntu wIMANA. KUKI? Utabonetse munama. nibakora ibyogukiranuka. ntarubanza wagobye kwirukira. wburundi.tzanie mwirukanye impunzi.?? ntahobyanditse mwatinye kuboneka .

  • Ntamukristu. wokwirukira kuri sentare? ahubwo yumvikana nabagenzi agakora ibisabwa. Abobacamanza nabo. kagame. museveni, kenyatta babahe ibyo kurya kunywa. nibabashonje. ahosigeze ntamanza dukeneye. Ntimukarye mwenyine! Mwabayobozimwe. nicyo gituma bandika izompapuro

  • none ga ndabaza MUNGU YIPO AWO HAYIPO? Kama mungu yupo kwa nini hawamu ogope? None aba ba presidents batatu bobo biyita bande? Niba FARAWO? NEBUKADINEZA?

  • Abo bitwa Ally MSANGI,David MATAKA na John Adam BWENDA nibaza ko ata barundi babatumye kubaburanira.Bikenereye inyungu zabo be no KUMENYEKANA GUSA.None Ko Uburundi (na Tanzanie) g(b)ifise abavugizi n’abashingwamanzani kuki atari bo bitwariye Rwanda Uganda,na Kenya Vyabakumiriye?

  • Nibaza ko hari ibituma binyegejwe bituma ibihugu vya Tanzaniya n’Uburundi bikumirwa. Usanga ari akaciyemwo, hanyuma ishaka ryo gukomeza ishirahamwe rikirihi, amakosa yabaye arashobora gukosorwa. Nta mpavu y’urubanza mbona kuko ubumwe bugirwa n’ababushaka, nta vyo guhadikiriza rero. Igikuru ni ishaka, ritakihari ni basambure haracari kare. Ariko babandanye bubahana!!!

    MATESO Charles du Burundi

  • Nta kindi bari bafise bakora , birumvikana.

  • URWANDA,KENYA NA OUGANDA VYOVUGISHA UKURI NIBA BITAGIKENEYE KUMVA UBURUNDI NA TANZANIYA MU KARERE KA EAC HAKO BIBIZUNGURUKA MU GUKORA AMANAMA ARABA AKARERE KOSE ARI VYO NYENE.ABO BITWAYE N’ABO SINIBAZA KO HARI ABABATUMYE ARI UKO BIRI BOBIVUGA ABARUNDI N’ABATANZANIYA TUKABIMENYA.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.