Accueil > Kwidagadura > Umugwi > Lion Story > Igiteramo canyuma ca Lion Story mu mwaka 2013
Igiteramo canyuma ca Lion Story mu mwaka 2013
mercredi 1er Nzero 2014
Umurwi wa Lion Story, ucuraranga ukongera ukaririmba indirimbo z’umudiho wa Reggea, waraye ukoze igitero canyuma mu mwaka w’2013. Abatingingwa ku mudiho wa reggae ntibatazwe n’aho ikirere kitari ciza cane kubera akavura kariko karatonyanga ku gisagara ca Bujumbura.
![](local/cache-vignettes/L448xH336/lion1-2-3e13d.jpg?1517293928)
Ku muhingamo wo ku munsi wanyuma w’umwaka w’2013, umurwi wa Lion Story wararemesheje igiteramo. Nkuko bisanzwe, umudiho wa reggae niwo wavugijwe kuva mu ntango y’igiteramo gushika gisozere bugorovye mu mango y’isaha zibiri zirenga gato z’ijoro. Igiteramo catanguye akavura kariko karatonyanga, ikitabujije abakunzi kwitaba ico giteramo. Uko umwanya wahera niko akanyanyage kahita maze n’abitaba igiteramo barwira. Kimwe gusa, umuntu agereranije n’abahora bitaba ibiteramo vy’uwo murwi wa Lion Story, kuri uyu wa kabiri, abantu ntibari isinzi nkuko vyahora.
![](local/cache-vignettes/L448xH336/lion3-55d06.jpg?1517293929)
Indirimbo ku yindi, nshasha cokimwe niza kera, yaba iziri mu nkurikirina “Independent” na “Revolution Time”, zose zaracuraranzwe ziraririmbwa, abarorerezi nabo bakaririmbana n’umurwi kuko nka zose basa n’abazizi. Ugutamba navyo vyajana n’ukuririmba, akaruru hejuru mu gihe abaririmvyi bavuze amajambo y’inkora mutima kubari aho.
Urban, umwe mu bagize umurwe Lion Story, imbere y’abaraho ati: “Muri uyu mwaka w’2014 dutanguye, mwese mugendere ONE LOVE”. Paci, uyundi mubagize uwo murwi wa Lion Story ati: “ Uyu munsi umurwi wa Lion Story urakwije imyaka 15 ubayeho…Imana ibishatse Lion Story izomara imyaka 50, 100, 200 kuko Lion Story ni n’utwo twana mubona dutoya imbere yanyu”.
![](local/cache-vignettes/L600xH400/dscn9902-72ccc.jpg?1517293929)
Ico giteramo canyuma ca Lion Story co mu mwaka twaraye turangije casozereye ku buryo butamenyerewe mu biteramo vy’uwo murwi. Ntivyari bimenyerewe ko uwo murwi uva imbere y’abitavye igiteramo ngo ufate akaruhuko k’iminota igera kuri 20. Hanyuma, ugasubira ukavuza indirimbo inyuma y’iyo minota. Kimwe gusa, umuyagankuba waracitse umwanya ungana nk’iminota ibiri. Ndetse inyuma y’aho igiteramo caciye gisa nikirangiye, kuko n’abantu baciye batangura gutaha.
![](local/cache-vignettes/L448xH336/lion2-cf413.jpg?1517293929)
INGABIRE Luc-Noël