IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umugwi > Lion Story > Umurwi Lion Story uzohurira mw’isabukuru n’umuririmvyi yawuboneye (...)

Umurwi Lion Story uzohurira mw’isabukuru n’umuririmvyi yawuboneye izuba

jeudi 12 Ruhuhuma 2015

Umurwi Lion Story uri ku rutonde rw’imirwi yatumiwe kuremesha isabukuru igiye kubera aho i Goma, bazuhirirayo n’umuririmvyi yababoneye izuba mu mudiho wa Raggae.

Isabukuru igiye kumara iminsi itatu yatumiwe abaririmvyi, imirwi y’abatamba bavuye mu bihugu vya Congo Kinshasa, Urwanda, Uburundi no mu bindi bihugu vyo muri Afrika. Iyo sabukuru ifise icivugo:"Danser pour changer, chanter pour la paix", bisigura mu Kirundi:" Tamba kugira uhindure, ririmba ku bw’amahoro".

Mu mirwi igera kuri 33 izoteramisha abarorerezi harimwo umurwi w’Uburundi Lion Story. Ku rutonde rw’abazoririmba canke abatamba, uzoririmba kw’igenekerezo rya 14 Ruhuhuma isaha icenda n’iminota cumi (15h 10), hazoba hahejeje umurwi ndandakaranga w’i BUKAVU.

Umurwi wa Lion Story uzohahurira n’umuririmvyi karuhariwe mu mudiho wa Raggae basanzwe baririmbamwo. Uwo si uwundi ni Tikken JAH FAKOLY wo muri Cote d’Ivoire. Uwo ni umwe mu baririmvyi bahinduye ibitari bike mu bategetsi aba muri Afrika canke na handi biciye mu butumwa atanga mu ndirimbo. Ivyo biri uko mu gihe bivugwa ko umurwi wa Lion Story warahunze igihugu kubera kudahuza n’ubutegetsi bw’Uburundi.

Isabukuru y’amahoro izotangura aho bukera kw’igenekerezo rya 13 gushika kurya 15 Ruhuhuma i Goma, aho izoba ibereye ku ncuro ya kabiri, abantu bagera ku bihumbi mirongo itatu baritezwe. Isabukuru izosozerwa na Jah Fakoly.

Umviriza ururirimbo "Il faut se lever pour changer tout ca", bisigura "Bisaba ko uva hasi kugira uhindura ivyo vyose" rwa Tikken Jah Fakoly


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.