IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > The EastAfrican kimenyesha ko abarundi b’impunzi babayeho mu buzima bugoye i (...)

The EastAfrican kimenyesha ko abarundi b’impunzi babayeho mu buzima bugoye i Nyarugusu

dimanche 3 Nzero 2016

Ikinyamakuru The EastAfrican kimenyesha ko abarundi baba mw’ikambi y’impunzi ya Nyarugusu mu karere ka Kasulu mu burengero bw’igihugu ca Tanzaniya babayeho mu buzima buteye ikigongwe.

Inyuma y’urugendo ikinyamakuru The EastAfrican cagize muri iyo kambi ya Nyarugusu,ikinyamakuru The EastAfrican camenyesheje ko abarundi baba mw’ikambi y’impunzi bafise ikibazo co kuronka amazi ,kandi banyagirwa iyo imvura iguye.

Umuyobozi ajejwe iyo kambi Sospeter Boyo amenyesha ko inyuma y’ibipimo vyakozwe ,hejuru y’impunzi z’ahahamutse ,izindi zishika 800 basanze bafise ingorane zo mu mutwe.

Bamwe mu mpunzi babwiye ikinyamakuru The EastAfrican ko bahahamuwe no kubona bamwe mu miryango yabo batotezwa kandi bicwa canke banyuruzwa.

Ishirahamwe rijejwe impunzi kw’isi rimenyesha ko kuva mu kwezi kwa kane 2015,abarundi bashika 225000 bamaze guhunga igihugu baja mu bihugu bihana urubibe n’Uburundi.


IGIHE

Messages

  • Ahubwo Nibabashire Muyandi Makambi Ntibahave Bafatwa N’indwara Zivyaduka

  • Ivyobintu muvyatumye bagira ivyobibazo, ariko ivyatumye canecane bahababuka nogusara nukuba barabonye canke bakumvako harimwo haraturirwa abantu babona kuko guturira abantu babona muburundi vyabaye ubwamberekuva uburundi bubaho. Maze ikindi gituma basara niyobumvisije ko abahamagariye guturira abandibantu baciye bahabwakaribu nibihugu bikomakomeye kandi abobahamagariye guturirabandi izompunzi zigakomeza kwumva babwirabantu ngonimuze tujehamwe tujegukuraho reta ya Nkurunziza, iyo ivyobavyumvise bacabibazako bagomba kuzoja guturira abandi barundi mugihugu. Burya bariyababikoze iyotwumva baterwa ivyatsi twese tubaturemye, arikokubabaciye bahabwa ikaze mubihugubimwebimwe biradutera gusara noguhababuka.

  • Benewacu Ni Mwihangane Iyabaremy Izobahora.Natwe Twasigay Mugihugu Sihez Nagato Kuk Ubuken Buzur Inzara

  • uwoyitwa(None? )ategerezwa kuba asara kko ivyavuze biratandukanye nibivuga abakomeye.ahubwo abamwegereye mumutware kwarozanti ariko ngirantagikira,,nimwamuvuza agakira muzoce mumubwira muti,,urasubiramwo kwiga ikirundi neza

  • bagataha atari ubusazi bwabo haruwabirukany nibatah mugihugu cabo

  • Ndireveriyanonenibatahe Bagiyekuruhama

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.