Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Imibonano idasanzwe yatanguye y’ukwakira Sudani y’Epfo muri EAC
Imibonano idasanzwe yatanguye y’ukwakira Sudani y’Epfo muri EAC
mercredi 6 Munyonyo 2013
Umurwi ugizwe n’abashikiranganji icumi bo mu gihugu ca Sudani y’Epfo bari kumwe n’icegera c’umukuru w’inama nshingamateka y’ico gihugu bakiririwe ku kirimba c’ishirahamwe ry’Afrika y’Ubuseruko na Richard Sezibera, asanzwe ari umunyamabanga mukuru w’iryo shirahamwe.
Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 5 Munyonyo, abo banyacubahiro bavuye muri Sudani y’Epfo barongowe n’umushikiranganji ajejwe ubutunzi n’ubudandaji Aggrey Tisa Sabuni, bari bazanywe n’ugushikiriza imigambi mikuru mikuru yo mu bushikiranganji butandukanye bari baserukiye, eka ndetse n’abarongoye imwe mu mirwi yo mu nama nshingamateka yo muri Sudani y’Epfo bakaba barimwo muri ivyo bikorwa, vyo kurabira hawe ibikenewe kugira Sudani y’Epfo, yinjire mw’ishirahamwe ry’Afrika y’Ubuseruko.

Mukamenya ko mu nama idasanzwe y’abashikiranganji bo muri Afrika y’Ubuseruko yabaye kuwa 24 gushika kuwa 25 Ndamukiza umwaka 2012, hagenywe umurwi udasanzwe wagendeye Sudani y’Epfo ku magenekerezo ya 15 gushika ku wa 31 Mukakaro umwaka w’2012, mu ntumbero yo kuraba aho ico gihugu kigejeje mu kwitegurira kwinjira mu muryango w’ibihugu vyo muri Afrika y’Ubuseruko, nk’uko biri mu ngingo ya 3 y’ishirahamwe, ijanye n’ukwinjiza igihugu gishasha mu muryango wa EAC.
Twobamenyesha kandi ko mu nama y’abakuru b’ibihugu idasanzwe yabaye mu kwezi Munyonyo, basavye abashikiranganji bajejwe iyinjira ry’ibihugu vyabo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, ko hokwirwa ibijanye n’iyinjira ry’ico gihugu muri uyo muryango, habanje kwirwa amategeko agenga iyinjira ry’igihugu gishasha mu muryango wa EAC. Inama ya mbere y’umurwi wo kuvugana ibijanye n’iyinjira ry’igihugu ca Sudani y’Epfo, izoba mu mpera z’ uyu mwaka w’2013.
IGIHE
Messages
7 Munyonyo 2013, 13:17, par Anicet
Kwinjiza Sudan y’epfo muri EAC nivyiza ariko mumanze mwige neza imigenzo yabo kuko ndabazi ndababamwo urumunyamahanga ntutwara umukobwa wabo ubushaka gupfa ikindi kamere yabo itandukanye niyacu rero ivyo mubirabe neza murakoze