IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Ingaruka mbi zibonekeje ku bantu baravye ireresi "50 shades of (...)

Ingaruka mbi zibonekeje ku bantu baravye ireresi "50 shades of Grey"

jeudi 26 Ruhuhuma 2015

Ireresi "Fifty shades of Grey" yerekanywe ubwa mbere ku munsi w’abakundana mbere ikaba ireresi ya mbere yarabwe n’abantu benshi kuri uwo munsi, yagiye itera ingorane kubera amashusho arimwo yerekana cane ibikorwa vy’ubusambanyi, bamwe bayiravye batangura gukora ivyo babonye.

Ireresi "Fifty Shades of Grey" yagiye kwerekanwa ubwa mbere mu bibanza vyo kurabamwo amareresi ku munsi w’abakundana mbere iba ireresi ya mbere yarabwe n’abantu benshi kuri uwo munsi. Inkuru iri muri iyo reresi yavuye mu gitabo ‘Fifty Shades of Grey’ canditswe n’Umwongereza E. L. James mu mwaka w’ 2011.

Iyo reresi ivugamwo urukundo hagati y’umukobwa yitwa Anastasia Steele na Christian Grey. Mugabo muri iyo reresi, harimwo amwe mu mashusho yerekana ibikorwa bitandukanye vy’ubusambanyi. Ivyo vyatumye haba ingorane nyinshi mbere n’ingaruka mbi zaribonekeje ku bantu baravye iyo reresi.

Imwe mu ngaruka mbi ikomeye yabaye ku bw’iyo reresi, yashitse muri Reta zunze ubumwe z’Amerika mu gisagara ca Chicago. Umunyeshure yitwa Mohammad Hossain yiga kuri kaminuza ya Illinois yafashwe n’igiporisi kubera yashurashuje ku nguvu umukobwa mungenzi we. Uwo muhungu yagiye gukora ivyo aho ahejeje kuraba iyo reresi, vyongeye n’ibintu vyose yakoreye uwo mukobwa vyasa n’ivyo yabonye muri iyo reresi. Uwo muhungu yabanje kuboha uwo mukobwa amaboko n’amaguru, mbere amufunga no ku maso, mu nyuma imbere yo kumufata ku nguvu yamukubise akoresheje umugozi babohesha impuzu (ceinture) hanyuma akaza amukubita ibipfunsi nk’uko mw’ireresi "Fifty Shades of Grey"babikora. Uwo muhungu yarafashwe n’igiporisi mbere aremera icaha yakoze, akavuga ko bagomvye gukora ivyo yabonye mw’ireresi "Fifty Shades of Grey"kandi wewe yabona ko atangorane.

Mu gihugu ca Mexique naho, mu gihe abantu bariko baraba iyo reresi mu kibanza barabiramwo amareresi, umugore w’imyaka 33, yafashwe n’igiporisi co muri ico gihugu ariko arikinisha vyamwankiye kubera amashusho y’ubusambanyi ari muri iryo reresi nk’uko ikinyamakuru "La Verdad" co muri ico gihugu kibivuga.

"Fifty Shades of Grey" igiye itera ibibazo abantu bamwe kubera amasanamu arimwo, vyongeye iyo reresi yahinduye ishusho yo gukora amabanga mpuzabitsina mu gihe bo babikora harimwo inguvu (violence), bigashobora gutera ingorane ku bantu bubakanye canke bakundana mu gihe y’amabanga mpuzabitsina nk’uko vyashikiye uwo muhungu wo muri Reta zunze ubumwe z’amerika.


Lorene Nubwabo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.