Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inyuma y’iyindi migambwe, CNDD FDD yatanguye kugaya ibikorwa na (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amatongo > Inyuma y’iyindi migambwe, CNDD FDD yatanguye kugaya ibikorwa na (...)

Inyuma y’iyindi migambwe, CNDD FDD yatanguye kugaya ibikorwa na CNTB

mercredi 11 Ntwarante 2015

Ingingo yafashwe na buramatari w’intara ya Makamba yo guhagarika ingingo za CNTB, uretse ko yanezereye abanyagihugu bo muri iyo ntara, no mu biro vy’umukuru w’igihugu ntibayigaye.

Umuvugizi w’umukuru w’igihugu Leonidas Hatungimana avuga ko, ingingo ya Gilbert Nduwayo buramatari w’intara ya Makamba atari mbi, ko ahubwo yayifashe ku bw’imvo z’umutekano w’abanyagihugu, aho baja bamaze n’ugufata imipanga bagira batemane. Yaba bamwe mu bashingamateka batowe mu ntara ya Makamba mu mugambwe CNDD FDD, co kimwe n’umukuru w’umugambwe CNDD FDD, mu mvugo zabo, biraboneka ko hari bimwe mu bikorwa n’uwo murwi badashima. Umukuru w’umugambwe CNDD FDD Pascal Nyabenda, yavugiye i Makamba muri iyo iheze ko hari aba barangura imanza z’amatongo, abo bita aba commissionnaires.

Umukenguzamateka Reveriyano Ndikuriyo nawe yatowe muri iyo ntara ku bw’umugambwe CNDD FDD, akavuga ko hariho amwe mu madosiye arimwo ibipfungu yakozwe n’uwo murwi, mbere ko hoba n’amatohoza ku bipfungu bimwe bimwe bivugwa, hamwe n’ibiturire. Umukuru w’umurwi ujejwe amatongo n’ayandi matungo, akaba yaheruka kwifatira mu gahanga yaba buramatari w’intara ya Makamba Gilbert Nduwayo, bamwe mu batowe n’abanyagihugu i Makamba cane cane abo mu mugambwe CNDD FDD, ko bitwaza ibura ry’amajwi kubera ibikorwa vy’umurwi arongoye, eka n’ukugaya bimwe mu vyaranguwe n’uwahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, umushingamateka Yves Sahinguvu, ku bibazo vy’uwo murwi CNTB.

Mukamenya ko mu makomine y’intara ya Makamba nka Kibago, Nyanza lac hamwe na Mabanda, abanyagihugu bagize imyiyerekano, biyamiriza ingingo zafashwe n’uwo murwi z’ukwaka amatongo bamwe, agahabwa abandi, aho bavuze ko hariho n’abitwaza ibinyoma, bakaronswa amatongo atari ayabo, abandi nabo bakaba bagira batabwe hanze, batagira iyo bazoja.


Aristide Nizigire

Messages

  • Koma warufagundu we serapiyo

  • erega ukuri kwama ari kumwe gusa

  • HAMWE ATOBA ARIKINDI KIRINYUMA; IVYO SERAPIYO AKORA TURAVYUMVA KANDI TURAVYEMERA. ABO NABO BAMWIYAMIRIZA BAZOMUKENERA; KOMERA KWIBANGA MUTAMA ABATWAYE IVYABANDI BARACATERA IGERE MUKUBISUBIZA!!!!!!!!!!!!

  • MWABANTU MWATANZE IYONKURU; UMUTWE WAMAJAMBO NUWOGUSAMBURA!!!!!!!!! REKA NDABABAZE BUCUMI PASTEUR NA BURAMATARI NA REVERIEN NIBOBAGIZE UMUGAMBWE CNDD FDD????????? KWARIBO BARWANIJE CNTB; KUBERA YABABWIYE ATI SUBIZA!!!!!!!!!!

  • HAHAHAHAHAAAAAA REVERIYANO NA BUCUMI BAKIRI BA BULAMATARI BARIKEBEYE AMATONGO NA MA PARASERA YABANTU NONE CNTB IGIZE NGO IBAKOREREKO BAGUYE BASHINYE HEHEHEHEHEHEEEE IMPERA NIMPERUKA MUZOSUBIZA!!!!!!!!!!!! MBEGA MWOMENYERA KO BUCUMI; REVERIYANO BOBA BAGIYEHAMWE NA PACIFIC; KO ARIWE YAHORA AVUGA KO CNTB NIYAJA IMAKAMBA IBARA RIZORWA!!!!!!!!!!!!!

  • KUKO MAZE GUSHISHWA KANDI BINGEZE AHANTU; HARI AGATUTSI KIWABO NA PASIFIKE KARI MWITONGO RYANJE; UMUSI URIZINA NZOHITANA IGIPANGA NDAGATEME IZOSI; NCEMPUNGIRA MUGISAGARA CA BUJUMBURA NDONDERE BOBO RUGURIKA NDAMUHE IYONKURU; ACE ANFASHA GUHUNGA KUKO NDABABAYE KUBONA ITONGO RYANJE RIRIBWA NABATARIBIRIYE ICUYA.

  • SERAPIYO; RAMBA; KOMERA; TERIMBERE; SHIRUBWOBA; ABO BANGUSHI NTAHO BAZOGUSHIRA.

  • bariko barabesha barondera amajwi muzoba mubona inyuma yamatora reka mupfe kubatora gusa iyoba abarundi bazi ubwenge botoye ubumwe namahoro nayo basumirinda baklabima amajwi jewe ubu bugurutse amaso.

  • Abakera Baciyumugani Mukirundi Bati:"nkore Nshimwe Yaguyemungemero"serapiyo Aziyuko Arikoaranyaga Amatongo Yabandi Ayaherezaaba Dd Yiyunvirako Bazomushimira.Narindireazobonayimbwayaboneyekumugezi,mbega Yiyunvirakoyobasunvyabadi,nka Useni Rajabu,manase,na Ninbesha Ivyobakoreyumuganbwe Cndd-fdd.Inpenbobahawentawutayizi ,nawenarindire Azobona,adapfunzwe,azopfa Canke Asare ,nakubitagatima Npenbero Avibuzimu Ajibuntu Ataruko Azopfayangarankagahini.

  • HAHAHA |||||||ABANTU MURANTWENZA PRESIDENT ACE AFUTA IVYO CNTB YAKOZE VYOSE KUKO JEWE NDABONA KO ARI AMACAKUBIRI
    IMAKAMBA ABAHUTU NIBO BAGWIRIYEYO BANYAZE ABANDI NICO GITUMA IVYO MBIVUZE NDI UMUHUTU

  • Igihe baza kwica uriya ntiwavuze,n’igihe bica ababany bawe ntiwavuze,none raba nawe baragushikiriye ayawubona ngo avuge. Ibi ndabivuze kuko abakomye akaruru ko CNTB ikora nabi ku madossier amwe amwe yabasangwa barabateye ibyatsi hama uwutwara CNTB arambikwa ibidari imigambwe irakurikira mukumuhayagiza.Ubu rero bishitse inyung za bamwe zigashikirwa, biremejwek har ibidatomoye uwo murw.Vyar kuba vyiza bavugiye n’aband boba bararenganijwe. Kimwe gusa n’uko n’abo batarakorwak na CNTB bazoteba bahashikirwa n’ubw babonako bakomeye.Vyiza rero boterera ivyiyumviro kare

  • SEREPIYO natahe ntavyiwe vyaramutaye kuwamazi, jewe ntamatongo yabandi ndimwo,ariko mfise icongaya kuri CNTB uburyo bakora binyuranye nokubahiriza agateka kamuntu. mumategeko bizwi yuko amatongo yose yomugihugu kwarayareta, none nikuki abahawe nareta yariho icogihe bosubira kwangazwa nuwabahaye? kuko reta nimwe, icokirananira gutahura uburyo basizeho uwo murwi wa CNTB ntibaheze ngo bawusobanurire uko ukwiye gukora, utacanishijemwo abarundi!, iconzico buramatare wa makamba ntakosa yakoze kuba yarahagaritse ibikorwa vyuwo murwi, kuko abari gupfa barikubabeshi nabamaze misi bapfa turacabaririra kumutima!.Ico nico carigikiye kubarundi guhagarara rushingantahe inkumbi itararwa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.