Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ireresi "Wekeza Inalipa" igiye kuzokinwa n’abakinyi rurangiranwa bo muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Ireresi "Wekeza Inalipa" igiye kuzokinwa n’abakinyi rurangiranwa bo muri (...)

Ireresi "Wekeza Inalipa" igiye kuzokinwa n’abakinyi rurangiranwa bo muri EAC

samedi 28 Nyakanga 2013

Emery Ndaboroheye batazira Emy Smith ari kumwe na Cynthia Kezamahoro (abarundi) , bari mu gihugu ca Tanzaniya, aho bari kumwe n’abandi bakinyi b’amareresi rurangiranwa baje bava mu karere k’ibihugu vyo muri Afrika y’Ubuseruko, mu ntumbero y’ugutegura ireresi yitwa Wekeza Inalipa.

Emy na Cynthia rero bari mu ku murwa mukuru w’igihugu ca Tanzaniya Dar es Salaam, aho bitegekanijwe ko bazomarayo igihe c’indwi zibiri, bariko barakina iyo reresi. Ejo ku munsi wa mbere rero akaba ariho bazotangura ibikorwa vyo gutegura Wekeza Inalipa bisigura kurya ariko ukaziganya. Muri iyo reresi hakaba harimwo abakinyi nk’uwitwa Rose Ndauka tanzaniya, Batuli Tanzaniya, Slim Omary Tanzaniya, Hidaya Njaidi Tanzaniya, Patcho Mwamba tanzaniya, Irakoze sonia fidelité Rwanda, joyliz kenya, Emy na Cynthia Burundi, Okuyo Uganda, Single Mtambalike tanzaniya n’abandi benshi.

Emy Smith rero akaba azwi cane nk’umuririmvyi w’indirimbo z’’Imana, ndetse akaba afise n’ireresi iri mu rurimi rw’icongereza yitwa Return to Salvation, avuga ko agiye gusohora mu minsi yavuba. Mu kiganiro Emy Smith ahejeje guha ikinyamakuru IGIHE iyo ari muri Tanzaniya, avuga ko kuba ari mubatowe kugira aje guserukira Uburundi muri iyo reresi, atari ukwo ahambaye kurusha abandi, ariko ni ubuntu bw’Imana, ari naco ashimira Imana cane kuko avuga ko ariyo imuduza imukuye muri National ikamushira muri East Africa, mu bakinyi karuhariwe. Abandanya avuga ko aryohewe kubona ashoboye guserukira igihugu ciwe. Avuga ati:" Ndakunda Uburundi rwose".

Mu kurangiza, Emy Smith asaba abakunzi biwe ko bobandanya bamushigikira nawe akabasezeranya ko azokora ukwo ashoboye kwose, Imana imushoboje, akabashimisha.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.