IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Ireresi yo mu Burundi yasubiriye kuba iya mbere mw’isabukuru

Ireresi yo mu Burundi yasubiriye kuba iya mbere mw’isabukuru

lundi 29 Nyakanga 2014

Inyuma y’indwi hariko haba isabukuru y’amareresi mu gihugu ca Tanzaniya, "I Mashoka" yaraye isubiye gutorwa mu kibanza ca mbere.

JPEG - 44.5 ko
Bahejeje kwakira agashimwe k’ireresi I MASHOKA

Ireresi yanditswe na Ndihokubwayo Jean Marie yise "I Mashoka" yasubiye gutwara ikibanza ca mbere mw’isabukuru ry’amareresi ryabereye mu gihugu ca Tanzaniya "Arusha African Film Festival". Ubwa mbere yari yatowe nk’ireresi ya mbere yo mu karere k’ubuseruko. Hari mw’isabukuru ry’amareresi ryabereye i Bujumbura ritunganijwe n’ishirahamwe ry’isabukuru mu Burundi "Festicab".

Mwomenya ko isabukuru "Arusha African Film Festival" ryatanguye kw’igenekerezo rya 20 Nyakanga gushika igenekerezo rya 27 uko kwezi nyene. Ryari ryatumiwemwo Leonce Ngabo arongoye Festicab, na bamwe mu bakinyi n’abanditsi b’amareresi mu Burundi bari gukwirikirana inyigisho.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.