IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Isabukuru ry’amareresi, Cannes 2013

Isabukuru ry’amareresi, Cannes 2013

mercredi 15 Rusama 2013

Kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 15 Rusama, isabukuru ry’amareresi rigira 66 ry’i Cannes rirugururwa icese. Rikaba riza kuba rihagarikiwe n’umuhinyanyuzi rurangiranwa w’amareresi w’umunyamerika Steven Spielberg.

Inyuma y’amezi hari ibihuha kw’ireresi izokwugurura ibirori vy’uyu mwaka, ukuri kwagiye ahabona. Ireresi “ Gatsby le magnifique” yakinywe na Leonardo DiCaprio niyo izakwugurura icese isabukuru ry’amareresi Cannes 2013.

Iyo sabukuru ikaba igira 66 izomara iminsi 12. Ku rutonde hakaba hari amareresi agera kuri 20 azokwerekanwa. Ayo yose akaba azo kwigwa n’abahinga muri ico gisata.

Umurwi ushinzwe gutanga amanota muri uyu mwaka ukaba ugizwe n’aba bakurikirira: Steven Spielberg (umunyamerika awurongoye), Nicole Kidman( umunyamerikakazi), Daniel Auteuil ( umufaransa), Vidya Balan (umuhindi), Ang Lee (umunyetayiwane), Cristian Mungu (ava muri Rumaniya), Naomi Kawasa (umuyapani) hamwe n’umwongeraza Lynne Ramsay.

Ivyo birori bikaba bizorangira kw’igenekerezo rya 26 Rusama, rigasozererwa n’itangwa ry’agashimwe nyamukuru kiryo higanwa kitwa “ Palme d’or”.


Luc-Noel Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.