Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Josdy Prince yasohoye ururirimbo wenyene : Umurwi Question-G woba (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umugwi > Question G > Indirimbo > Josdy Prince yasohoye ururirimbo wenyene : Umurwi Question-G woba (...)

Josdy Prince yasohoye ururirimbo wenyene : Umurwi Question-G woba warasambutse?

mardi 13 Nzero 2015

Josdy Prince Yossi yosohoye ururirimbo rwa mbere rw’umwaka w’2015, ni mu ntumbero yo gushira mu ngiro ivyo bumvikanyeko nabo basangiye umurwi.

"Nilipi Kosa" ururirimbo rwa mbere rw’umwaka rwa Josdy wo mu murwi Question-G. Muri urwo ruririmbo, Josdy avuga ko yashatse kuvuga ibijanye n’urukundo aho umukobwa aheba uwo bakundanye atamubwiye n’ico bapfuye, uwo muhungu agasaba ko yomusigurira ico amuhoye nimba ari ikosa yagize yikosore ariko bagumane.

Kuki Josdy yaririmvye urwo ruririmbo atari mu murwi wa Question-G?

Josdy avuga ko kugira asohore urwo ruririmbo atari kumwe n’umurwi ariko akora ivyo bumvikanye na bagenzi we basangiye umurwi. Ivyo bumvikanye n’uko muri uno mwaka w’2015, umwe wese ashobora gukora ukwiwe ariko bazofata umwanya bakorane. Ivyo babigize kubera bidakunda ko bahuza umwanya iminsi yose bashatse kuririmba, bitayeko nka Maoussenho yiga hanze y’Uburundi.

Ururirimbo "Nilipi Kosa" yaruririmbanye n’umuririmvyi-muhinyanyuzi Floris.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.