IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Kanyombya : "Bwenge na guhenze kibuye na guhuye"

Kanyombya : "Bwenge na guhenze kibuye na guhuye"

jeudi 20 Ruheshi 2013

Arikumwe n’umujenama wiwe mushasha, umukinyi w’amareresi asanzwe anatwenza cane ava mu gihugu kibanyi c’Urwanda ariwe Kanyombya, ariko arategurira abakunzi biwe ireresi nshasha yise:’’Bwenge naguhenze, kibuye naguhuye”

Mu kiganiro yagiriraniye na IGIHE, yamenyesheje ko kuva aho aronkeye amujenama mushasha kandi abizi cane, yaciye yiyumvira gutegura iyo reresi nshasha yiwe bwite. Kanyombya akaba amaze gukina mu mareresi ashika icumi, ndetse akaba ari mubakinyi bakunzwe cane muri aka karere ka Afrika y’Ubuseruko, na cane cane abantu bumva ururimi rw’ikinyarwanda.

Mu Burundi hose baramuzi, ndetse harageze n’aho n’umwana akiri muto usanga ariko arasubiramwo bimwe mu majambo yavuga, igihe yakina mw’ireresi y’ukurwanya igituntu mu gihugu ciwe c’amavuko. Muri iyo reresi, hari akajambo kaharawe cane mu Burundi, aho umuntu akoroye baca bamubwira ngo: ‘’Ico n’igituntu warahi Rwanyonga”. ijambo ryakoreshejwe na Kanyombya muri nya reresi.

Arikumwe n’umujenama wiwe Bigirimana Belgine, Kanyombya ariko aritegura kuja gukina iyo reresi yiwe nshasha, mu bihugu bitandukanye vyo muri aka karere, aho yipfuza kuja mu Burundi, Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, Uganda, Tanzaniya na Kenya eka ndetse aripfuza n’ukuja mu bihugu vya Buraya aho mu minsi azoja mu gihugu c’Ubuholande, Ububirigi, Ubwongereza n’ahandi.


Ariatide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.