Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Ubuseruko
Kenya : Bane bafashwe bagirizwa kwigana umukono w’umukuru w’igihugu
Yanditswe taliki ya 12-01-2016 - isaha 12:39' na IGIHE

Mu gihugu ca Kenya abagabo bane bashikanywe imbere y’ubutungane bagirizwa kwandika ikete no kwigana igikumu (Signature) c’umukuru w’igihugu Uhuru Kenyatta kugira ngo babeshe umuyobozi w’ishirahamwe rimwe rikorera mu gisata c’Ubuhinga bwa none muri ico gihugu.

Kw’igenekerezo rya 21 Kigarama 2015 niho abagabo bane Reuben Wasike Situma, Ismail Ibrahim, Keith Lee Henney Bockle na Stephen Kimani bashikirije Shailesh Kanani, Hotpoint Appliances Limited, ikete bamubwira ko ryanditswe n’umunyamabanga mukuru w’umukuru w’igihugu , Jomo Gecaga amutumira kuja mu biro vy’umukuru w’igihugu kugira ngo amuhe isoko.

Amakuru ava mu kinyamakuru Daily nation avuga ko abo bagabo uko ari bane basavye Kanani kubaha igiturire c’imiliyoni 15 z’amashilingi ya Kenya imbere yo kwitaba ubwo butumire.

Urubanza rw’abo bagabo babaye barapfungurwa vy’agateganyo umwe wese atanze ingwati y’ibihumbi 100 vy’amashilingi ya Kenya, ruzosomwa kw’igenekerezo rya 13 Ndamukiza 2016.

Ivyiyumviro vyanyu

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.