Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya : Inama y’abakuru b’ibihugu ba Afrika y’Ubuseruka yatanguye
Kenya : Inama y’abakuru b’ibihugu ba Afrika y’Ubuseruka yatanguye
vendredi 20 Ruhuhuma 2015
Abakuru b’ibihugu bihurikiye mu karere ka Afrika y’Ubuseruko bahuriye mu gihugu ca Kenya mu nama igira iya 16 y’abo bakuru b’ibihugu.

Muri iyo nama yatanguye kuri uwu wa 20 Ruhuhuma, bakaza kurabira hamwe icegeranyo c’abashikiranganji bakurikirana ishirwaho ry’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko, hagati ya Kigarama umwaka w’2013 na Munyonyo umwaka w’2014. Biranavugwa ko abo bakuru b’ibihugu baza kurabira hamwe, isubirizwa ry’uwurongoye inama nkuru y’abakuru b’ibihugu, akaba ari ikibanza cari gifiswe na Kenya, ico naco, kikaza gufatwa n’igihugu ca Tanzaniya. Ni ukuvuga ko Uhuru Kenyatta aza gusubirirwa na Jakaya Kikwete.
Biravugwa ko no mu bindi biza kwirwa, harimwo ukugena abacamanza ba sentare y’Afrika y’Ubuseruko, co kimwe n’uwuzosubirira icegera c’umunyamabanga mukuru mu kwezi kwa Ndamukiza. Iyo nama rero iriko ica ku mboneshakure yitwa NTV WEB, ikibiriraho. Iyo namaikaba kandi yitabwe n’abakuru b’ibihugu bose bo mu karere k’Afrika y’Ubuseruko.


Aristide Nizigire
Messages
20 Ruhuhuma 2015, 16:15, par Inkotanyi
Komera Uhuru hamwe na President Kagame
21 Ruhuhuma 2015, 14:17, par ntoniya
peresida w uburundi ntihagire inshingano abona muri ivyo bikorwa .asigaje amezi atatu ku ngoma .kandi bamuhanure yegure ubutegetsi
22 Ruhuhuma 2015, 13:00, par muyaga
Ndasemereye abagiye bagaruke ntihagire abatoroka uko bagiye bagaruke bose kuko igihe curubanza kiregereje umwe wese abobrinha ivyo bimbuye