Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya: inzira nshasha y’indarayi igiye kwubakwa
Kenya: inzira nshasha y’indarayi igiye kwubakwa
samedi 30 Munyonyo 2013
Umukuru w’igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta yatangaje icese ibikorwa vyo kwubaka ibarabara ry’indarayi.
Igihugu ca Kenya, catanguje ku mugaragaro ibikorwa vyo kwubaka ibarabara ry’indarayi, iyo nzira ikazohuza ibihugu vyo muri Afrika y’Ubuseruko. Iyo nzira ikaba ariyo guteza imbere urudandazwa muri ako karere k’Ubuseruko bw’Afrika, akarere gahurikiyemwo ibihugu bitanu, Uburundi, Urwanda, Tanzaniya, Kenya n’Ubuganda.

Igice ca mbere gitegerezwa kuba carangiye mu mwaka wa 2017 kizohuza Mombasa n’igisagara ca Nairobi. Nicarangira urugendo rwamara amasaha 15 ruzomara amasaha hafi 5 gusa. Igice ca kabiri, gitegekanijwe kurangira hashize umwaka umwe ica mbere kirangiye, kizohuza Kenya na Sudani y’Epfo, Ethiopia, Rwanda na Uganda.
Ivyo bikorwa vyo kwubaka ibarabara ry’indarayi bizotwara amafaranga imirayiridi 13,8 z’amadorari. Isoko ryo kubaka iyo nzira ya gari ya moshi rikaba ryahawe ishirahamwe ryo mu Bushinwa.
Floxella Karire