Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya: inzira nshasha y’indarayi igiye kwubakwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya: inzira nshasha y’indarayi igiye kwubakwa

Kenya: inzira nshasha y’indarayi igiye kwubakwa

samedi 30 Munyonyo 2013

Umukuru w’igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta yatangaje icese ibikorwa vyo kwubaka ibarabara ry’indarayi.

Igihugu ca Kenya, catanguje ku mugaragaro ibikorwa vyo kwubaka ibarabara ry’indarayi, iyo nzira ikazohuza ibihugu vyo muri Afrika y’Ubuseruko. Iyo nzira ikaba ariyo guteza imbere urudandazwa muri ako karere k’Ubuseruko bw’Afrika, akarere gahurikiyemwo ibihugu bitanu, Uburundi, Urwanda, Tanzaniya, Kenya n’Ubuganda.

Igice ca mbere gitegerezwa kuba carangiye mu mwaka wa 2017 kizohuza Mombasa n’igisagara ca Nairobi. Nicarangira urugendo rwamara amasaha 15 ruzomara amasaha hafi 5 gusa. Igice ca kabiri, gitegekanijwe kurangira hashize umwaka umwe ica mbere kirangiye, kizohuza Kenya na Sudani y’Epfo, Ethiopia, Rwanda na Uganda.

Ivyo bikorwa vyo kwubaka ibarabara ry’indarayi bizotwara amafaranga imirayiridi 13,8 z’amadorari. Isoko ryo kubaka iyo nzira ya gari ya moshi rikaba ryahawe ishirahamwe ryo mu Bushinwa.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.