IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Kenya: Yagirijwe gushira amafoto y’abasirikare kuri whatsapp

Kenya: Yagirijwe gushira amafoto y’abasirikare kuri whatsapp

mercredi 20 Nzero 2016

Umugabo ava mu gihugu ca Kenya Eddy Reuben Illah, yagirijwe icaha co gushira amafoto bivugwa ko ari ayo abasirikare ba Kenya bishwe mu ndwi iheze n’abarwanyi ba al-Shabaab muri Somalia.

Eddy Reuben Illah yahakanye ivyo yagirizwa ko yashize ayo mafoto ku buhinga ngurukanabumenyi bwa WhattsApp.

Abacamanza bavuga ko ayo mafoto yoshobora gutera abantu ubwoba no kugira umutima uhagaze.

Abategetsi mu gisagara ca Nairobi ntibigeze bamenyesha igitigiri c’abasirikare ba Kenya baguye mu gitero c’abarwanyi b’umurwi wa al-Shabaab cabaye ku kirindiro c’abasirikare ba AMISOM.

Muri ico gitero cabaye kuwa gatanu igenekerezo rya 15 Nzero 2016,Al-Shabaab ivuga ko yishe abasirikare ba Kenya barenga ijana.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.