Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Leila" : Ireresi ya mbere y’ishirahamwe "Imbivyi z’Ibikorwa n’Amahoro" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > "Leila" : Ireresi ya mbere y’ishirahamwe "Imbivyi z’Ibikorwa n’Amahoro"

"Leila" : Ireresi ya mbere y’ishirahamwe "Imbivyi z’Ibikorwa n’Amahoro"

lundi 28 Ndamukiza 2014

Ishirahamwe "Imbivyi z’Ibikorwa n’Amahoro" ryarashize ku mugaragaro ireresi ya mbere yateguwe ikongera agakinwa n’iryo shirahamwe. Uwuserukira iryo shirahamwe imbere y’amategeko, avugako ireresi ari kimwe mu mahangiro biyemeje gushikako. Ireresi yagiye ku rutonde rw’amareresi maremare akinywe mu Burundi.

Inyuma y’imyaka 3 ishirahamwe "Imbivyi z’Ibikorwa n’Amahoro bategura ireresi bize "Leila", kuri uwo wa gatandatu ni ho batabura igitambara co kwugurura ivyo bikorwa. Inyuma y’amajambo n’indirimbo, zo guhimbaza Imana, Ireresi "Leila" yaciye yerekanwa. Nizigama Gilbert aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe, yatumenyeshejeko batanguye kuyitegura kuva mu mwaka w’i 2011. Iyo myaka itatu y’integuro yarimwo kwigisha abakinyi ku bijanye n’amareresi. Ubwo bumenyi babuhabwa n’umuhinga mu vy’amareresi. Uwo ni Gilbert abandanya abivuga.

JPEG - 149.1 ko
Nizigama Gilbert aserukira ishirahamwe

"Leila" yaciye ishirwa ku rutonde rw’amareresi mareremare amaze gukinwa mu Burundi kuva mu mwaka w’i 1991. Ku bijanye n’umunsi w’isabukuru ry’ireresi mu Burundi (Festicab), ishirahamwe "Imbivyi z’Ibikorwa n’Amahoro" bazokwifadikanya n’abandi, nantaryo bafashe mu guteza imbere igisata c’amareresi mu Burundi.

Ibikorwa vy’iryo shirahamwe vyuguruwe n’uwaserukiye umushikiranganji w’urwaruka inkino n’imico kama, uwurongoye komine ya Rohero hamwe na bamwe mu baserukira ibihugu vy’abo mu Burundi. Mwomenyako "Leila" avugwa muri iyo reresi ari umuririmvyikazi azwi kw’izina rya Thity Love. Ukwinjira mu vy’amareresi kwiwe tuzobibamenyesha mu makuru y’ejo.

JPEG - 143 ko
Isanamu ya Thity Love ariko arakina muri "Leila"

Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.