Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Rachelle ati : "Nzobandanya inzira y’amareresi kuko nasanze nshoboye"
Rachelle ati : "Nzobandanya inzira y’amareresi kuko nasanze nshoboye"
lundi 30 Ruheshi 2014
Isabukuru ry’amareresi mu Burundi ryaratanze ubushimwe ku bakinyi n’abanditsi b’amareresi, abenshi muri abo baronse ubwo bushimwe ntavyo bari biteze, ariko vyabahaye intege zo ku bandanya. Rachelle Nisubire ari mu baronse agashimwe k’umukinyi wa mbere w’uno mwaka yakinye neza.
- Rachelle Nisubire yaronkejwe agashimwe k’uwakinye neza umwaka w’i 2014
Ireresi"Amosozi" yaronse agashimwe muri Festicab k’umukinyi wa mbere w’uno mwaka yakinye neza. Uwaronkejwe ako gashimwe n’umwigeme Rachelle Nisubire. Muri iryo reresi, Rachelle yakinye mu kibanza c’umwana w’umukobwa yaturubitswe na muka se, mu nyuma agafatwa ku nguvu na muramuwe. Uwo mwana agaca afata ingingo yakuja mw’ibarabara kudandaza umubiri, ariko agaca atwara inda bungingo akibigiyemwo.
Rachelle twamusanze ariko yigina ako gashimwe ari kumwe nabo bakinanye mw’ireresi "Amasozi". Yaganiriye n’ikinyamakuru musoma ku murongo www.IGIHE.bi. Twamubajije uko yifashe ahejeje kuronka ako gashimwe, yishuye ko ataco yari kuronka avuga kubera atavyo yari yiteze, wari umunsi w’imboneka rimwe, umunezero wamubanye mwinshi kuko bwari n’ubwa mbere akinye ireresi. Ico agiye gukora n’ugukomeza inzira y’amareresi kuko yasanze ashoboye.
Mwomenyako ireresi "Amosozi"Rachelle yakinyemwo yanditswe na Aime Hatungimana, ari nawe yamusavye kubafasha. Rachelle Nisubire yiga kw’ishuri ryisumbuye"Ecole de l’Unite"mu mwaka wa kabiri w’igice ca kabiri c’amashuri yisumbuye mu gisata c’indome za none (2nde Lettre Moderne).
- Bamwe mu bakinanye na Rachelle mw’ireresi"Amosozi"
Cherif Nkeshimana
Messages
3 Mukakaro 2014, 17:36, par habincuti soudi
Ico nabwira uwo mwigeme rachelle nuko yabandanya afite ibyiyumviro byiza imana izabimufashemwo mubyo arimo gukora ninyigisho zigisha byanteye kum,ukunda